Entertainmenthomepagekirundi

Ednaky ngo nubwo hari abamwaka ibiturire ngo nti bizomuca intege

Ednaky n’umuririmvyikazi benshi bibazako yoba atanguye kuririmba vuba ariko haba namba, ahubwo yabaye bubihagarike gato akaba yatanguriye kuva ku ndirimbo ya Kiradodora arikumwe na Yakubino na Sam Over Mix, ubu uwo murwi utakivurwa none ubu yagarutse gute?

Ururirimbo rwiwe “Kuki wahindutse”yararushize ahabona abantu benshi bararushima aho na Big Fizzo yayishize ku mbuga ngurukana bumenyi ziwe muguhamagarira abakunzi biwe ko boshigikira iyo mpano.

Ntihaciye umwanya munini yaciye arekura iyindi ndirimbo yitwa “Meze neza”kubwa Ednaky ngo izo ndirimbo zose n’urukurikirane rw’inkuru yiwe y’ukuri.

Ico anegura kubasanzwe bafasha gushikana kure ibikorwa vy’abaririmvyi ngo hari ukuntu umengo ibikorwa vyiwe badashaka kubishigikira nubwo atari bose hari bamwe bamwe muribo baguma bamusaba amahera y’umurengera kugira ngo bavuze indirimbo ziwe kandi mu mahanga bobo babimukorera kubwo gukunda ibikorwa vyiwe gusa.

Ico asaba abarundi n’uko bokunda ivyabo bagashigikira impano zabo kuko nivyo bizotuma duterimbere
Kandi ngo vuba mw’itege indirimbo yiwe nshasha igira 3 kuvaho agarukiye kandi mumuziki.

Nawe wamenye ryari Ednaky?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769