homepagekirundiprimusic-burundipromotedsecuritysocieteTabacWestern Sydney Films Festival

Uwiyita umuvugishwa “Prophète Modeste” yirukanwe burundu ku butaka bw’Uburundi

Igiporisi c’Uburundi cafashe ingingo y’ukwirukana burundu ku butaka bw’Uburundi uwiyita umuvugishwa Kayihura Modesste yari azwi nka “Prophète Modeste”.

Mu matohoza cari kimaze imisi gikora, igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko uwiyita umuvugishwa Kayihura Modeste yari azwi cane nka “Prophète Modeste ngo casanze afise inyifato itabereye, kandi ko n’impapuro zimuha uburenganzira bw’ukuba mu Burundi ari iza magendo, niko gufata ingingo yo kumwirukana burundi ku butaka bw’Uburundi kuri uno wa mbere igenekerezo rya 15 Ndamukiza umwaka w’2019.

Nk’uko bishikirizwa na Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano ngo gukinga ibiza, uwo yiyita “umukozi w’Imana” asanzwe afise ubwenegihugu bw’Urwanda ngo yagirizwa gushurashuza abigeme bahora basengera mu rushengero iwe, ubusuma, hamwe n’ukuba akoresha impapuro za magendo.

Uwo yiyita umugishwa akaba yari arongoye ishengero ryitwa “Faith Practice Miracles Ministries” rikorera kw’ihoteri Source du Nil, akaba yirukanwe mu Burundi inyuma y’iminsi irenga cumi yari amaze apfungiwe mu gasho k’igiporisi kijejwe amatohoza mw’i Jabe mu gisagara ca Bujumbura.

Imvo n’imvano yo gufatwa kwiwe ikaba yandurutse kuvyo yaheruka gushikiriza ku nsamirizi Radio Buja FM ikorera mu gisagara ca Bujumbura inyuma y’aho umugwi w’intamba mu rugamba utaburije itike yo kwitabira inkino za CAN2019 zigiye kubera muri Egiputa mu kwezi kwa Ruheshi kuza aho yavuga ko mu gihe atohabwa amafaranga y’ikigiracumi kuyo umukinyi wese w’Intamba mu rugamba yahawe nk’agashirukabute ko abo bakinyi n’aho bazoja muri iryo higanwa ata murwi n’umwe bazotsinda, kandi ko n’abakinye urukino rw’Uburundi na Gabon ata n’umwe azoja muri iryo higanwa.

Mwomenya ko hambavu y’ukwirukana uwo yigira umugishwa, igiporisi c’Uburundi cafashe kandi ingingo y’ukwirukana mu Burundi Kayihura Ephrem, umuvyeyi wa Kayihura Modeste hamwe n’umufasha wa bwana Modeste.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757