footballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Buramatari w’i karusi aremeza ko hari umukinyi yapfiriye ku kibuga

Urukino rw’umupira w’amaguru rusigaye ari urukino rwo kwicana?

Hamaze imisi hakwiragizwa inkuru ivuga ko ku musi wa Pasika hari umukinyi yitwa Siméon avuka ku mutumba Rwinjugushu , akinira Mamba Vert yatezwe umwereka n’umuhagarikizi wo kuruhande maze agwa mu barorerezi bo mu gihogazi maze batangura kumukubita kugeza aho acikana .

Indundi Sports twumvise iyo nkuru ibabaje y’urwo rupfu rw’uwo mukinyi twaciye turondera Buramatari w’Intara ya Karusi Dévote Nizigiyimana kugira ashobora gutanga  umuco ukwiye kuri ivyo vyaraye bibaye .

Ari kumurongo wa Terefone wa Indundi Sports yaremeye  ko hari umukinyi yafiriye mu kibuga ariko bivanye n’uko atari hafi y’Intara yiwe ntavyinshi yashimye gushikiriza akaba yatubwiye ko bakiri mu matohoza .

Inkuru yanditswe ku mbuga ngurukana bumenyi aka ari iyi 👇🏿

Ibara riraguye i KARUSI, Kuri Stade BUGENYUZI

R.I.P SIMÉON

Kuri uyu wa mungu wa pasika

Birangiye urukino rwariko ruhuza MAMBA VERT yo muri komine BUGENYUZI na KALIFUMU yo muri komine Gihogazi rubayemwo ingwano zikomeye cane.

Umuntu umwe yapfuye abandi barakomereka.

Uwo yapfuye yitwa Siméon avuka kumutumba Rwinjugushu, akinira MAMBA VERT, uwo Siméon yatezwe umwereka n’umuhagarikizi wo kuruhande maze agwa mubarorerezi bo mugihogazi maze batangura kumukubita kugeza aho acikana.

Ni mugihe urukino rwari rugeze mugice ca kabiri imigwi yose inganya igitsindo kimwe kukindi.

Uwo mu hagarikizi (linesman) nawe akaba apfunzwe kumvo z’amatohoza n’ukumukingira.”

Indundi Sports ikaba ihojeje umuryango wabuze

What's your reaction?

Related Posts

1 of 314