abakinyi bakina hanzehomepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Intamba z’abigeme mu batarenza imyaka 17 muri Handball zatsinze Somalia bimwe bikomeye

 

Umurwi nserukira gihugu w’abigeme w’Uburundi wihanije bimwe bikomeye umurwi nserukira gihigu wa Somalia .

Hari kuri uwu wa kane igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2023 mu gihugu ca Tanzania , aho umurwi nserukira gihugu w’Uburundi w’abigeme batarenza imyaka 17 wari uramutse utana mu mitwe n’umugwi nserukira gihugu wa Somalia . Urwo rukino rukaba rwarangiye abarundikazi banyagiye Somalia ibitsindo 40 kuri 1.

Abo barundikazi baciye barangiza inkino zo mu muce wa B bari mu kibanza ca mbere kuko mu nkino zitatu zose bakinye zose barazitsinze , ivyatumye babandanya mu gice ca kabiri gishira icanyuma .

Uburundi ntibwari bwaserukiwe n’abigeme batarenza imyaka 17, si abo gusa  kuko n’umurwi w’abigeme batarenza imyaka 19 nabo nyene bari mi gisagara ca Dar es Salaam .

Abo bigeme batarenza imyaka 19 ibintu ntibiriko bibagendera neza aho baraye batsinzwe na Kenya ( 38-5).

Ivyo rero vyaciye bituma abo bigeme batarenza imyaka 19 barindira kumenya ibizova mu zindi nkino zibahuza n’ibindi bihugu kugira bamenye ko bazobandanya mu gice gikurikira.

Mwomenya ko mu nkino zitatu bakinye batsinzwe inkino 2 batsinda urukino rumwe gusa .

Mwokwibukako iryo higanwa rya IHFTrophy rihuza ibihugu vyo mu karere k’ubuseruko bakunda kwita zone 5 ryatanguye kuba igenekerezo rya 25 gushika  30 Ndamukiza 2023.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 840