Entertainmenthomepage

Alvin Smith yoba yihanuye canke yahanujwe igitsure?

Alvin Smith yoba yihanuye, canke bamuhanuje igitsure? Ico Nico kibazo wokwibaza ubonye ivyo uwo muririmvyi yashikirije Kandi ukaba uzi n’ivyo yaheruka gushikiriza ku bijanye n’indirimbo yiwe.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Twitter, uwo muririmvyi wa NAKADAME, yavuniye akagohe abaririmvyi ngo barabe bigenge ibanga, ku ndirimbo basohora. Yabasavye kwumvira impanuro z’ababakurira.
Yagize ati :” Un conseil kuba artistes bagenzanje dusangiye umurimo umwe, twumvire abadukuriye, nimba harico twokosora tukagikosora, dukore umuziki mwiza twitezimbere mbese dutezimbere n’igihugu cacu ciza c’Uburundi.
N.B : twirinde kuja muvya Politique na cane cane.”
Ayo majambo akaba ayashikirije inyuma yaho asohoreye amasanamu y’iyo ndirimbo, NAKADAME, Indirimbo yasohotse inyuma yaho umugwi w’igihugu ujejwe kugenzura uko ibinyamakuru bikora, CNC, uhagarikiye Indirimbo 30, zirimwo iziwe 2.
Zihagarikwa, Alvin Smith akaba yari yamenyesheje ko nimba bamuhagarikiye izo ndirimbo, ngo iyo ikurikiye bita NAKADAME yo ngo bazoyihagarika igisohoka.
Yari yanditse Kuri Twitter nyene igenekerezo rya 24/4, agira ati :” Donc Rero Indirimbo zanje 2 zose bazihagaritse, AKADAGE na FATA INGIDI, hari akantu NDAKADAME yoyo isohotse izoja kuri Youtube ari uko ngeze ku mupaka.”
Ubu rero tukibaza icoba catumye uwo muririmvyi ashima gusa n’uwuhagarika ivyo kwivuga, noneho agashima kugaruka Ku kijanye n’amajambo y’indirimbo, kuko ari mu baririmvyi baririmba Indirimbo z’ibishegu ariko zigerageza gufobekwa.
Bukeye Kabiri asohoye iyo ndirimbo, Alvin akaba yari yashatse kwerekana ko iyo ndirimbo ishobora guhagarikwa. Ico gihe igenekerezo rya 26/4, akaba yari yamenyesheje ko abona ibimenyetso bijanisha muri ico gikorwa.
Bukeye Kabiri, akaba yamenyesheje ko Indirimbo yiwe bayihagaritse, avyandika ku mbuga rwa Facebook, Instagram na Twitter, no kuri YouTube, iyo ndirimbo irakurwako gato, ariko iza gusubizwako.
Haheze akanya, Iyo ndirimbo ikaba yaciye isubirako, Alvin anatangura kubwirwa n’ababonye ivyo yashikirije Kuri urwo rubuga, ko atumye baja kuyiraba Kandi ata mugambi bari bafise. Bisigura ko wari umukino abakinye kugira baje kuyiraba.
Naho ataco arashikiriza, bikaba bishoboka ko agiye guhindura umukenyuro mu bijanye n’ubutumwa ashikiriza mu ndirimbo, kuko ariryo shingiro rya zuguruzuguru ziriko ziraba muri ino misi, aho bavuga ko ubutumwa bushikirizwa butabereye.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722