Entertainmenthomepage

Big Fizzo ashize akunyu mu biheruka gushikirizwa na Sat-B

Mu gihe Sat-B aheruka gushikiriza ko yahisemwo kuvuga umu Legend akiriho, hako amuvuga yaritavye Imana. Big Fizzo nawe ashize akunyu muri iryo Jambo rya Sat-B.

 

Akoresheje urubuga rwa Facebook, Big Fizzo yasohoye Photo zitandukanye, aho amajambo yakoresheje asa n’ayajanye n’ivyo Sat-B yaheruka gushikiriza.
Kuri imwe muri ayo FOTO yanditse avuga ngo :” Nimba duhagaze bwuma, nuko duhagaze ku mugongo y’abadutanguriye.”
Iryo rikaba naryo ryatanguriye irindi ryavuga ngo :” ntidushobora gucagura ikibanza co gutanguriramwo n’ikibanza co guhagarika. Amakuru y’ivyatubayeko ( Histoire ) yonyene niyo abivuga.”
Ayo majambo akaba yayavuze ata kindi gisa n’icihetse inyuma, ariko akaba yari akurikiye ayo Sat-B nawe yari yashize ahabona, aho yavuze ko yatahuye ko umwanya uwariwo wose umuntu ashobora gukinjura, ahubwo ngo yizera kubavuga bakiriho.
Yagize ati :” Costa yapfuye afise imyaka mike cane ariho yaragitangura success. Mwibuke Said Brazza n’abandi…
Ndi umwe mu batahuye ko umwanya n’umwanya umuntu ashobora kuvaho, jewe notangura canke ugatangura! Sinshaka kuvuga ko yari Ngangari wa musi twamubuze, ndamuposta n’amarira y’ingona, ariko narize kuvuga neza umuntu akiriho.”
Wumvirije neza ayo majambo Sat-B yashikirije, urakuramwo ko afise akababaro k’abantu basa n’abadashaka guha agaciro uwo muririmvyi w’inararibonye. Ibi bikibutsa rya bomborabombora ryari rihari, aho uwitwa Kirikou yavuzweko amajambo menshi Inyuma yaho ashikirije amajambo atavuzweko rumwe n’abatari bake, bamwe bakavuga ko uwo muririmvyi asa n’uwarengereje, akifatita umutama mu gahanga.
Muri ubwo butumwa nyene Sat-B, nawe aba asa n’uwivugira, aho agaruka akabona ko abaririmvyi bamaze gutera intwambwe bafise ico bokwigisha abandi, bari bakwiye guhabwa ikibanza ciza muri uno Muziki.
Ku bandi bashobora kubonamwo ugushaka kwunga urunani hagati y’abaririmvyi bamaze igihe, ngo bacinyize canke basubize hasi Abaririmvyi bacaruka, kuko hagize imisi haboneka ugushigikirana hagati ya Big Fizzo na Sat-B, za nduru zahahora zikazimangana.
Ikizovuka muri ukwo gushira hamwe kugize imisi kuboneka muri bano baririmvyi bacu, kikaba kitazwi, na rirya bigize imisi bisa n’ibivugwa n’aba na bariya ko hoba hariho urunani rw’abaririmvyi ba kera badashaka kubona abaririmvyi bashasha babacako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707