Burundihomepagekirundiprimusic-burundisecuritysocieteWestern Sydney Films Festival

Icegeranyo : Icaha co gufata kunguvu abigeme n’abapfasoni nico caje kw’isonga

Ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko bugiye gushira inguvu nyinshi mu kurwanya ivyaha vy’ugufata abigeme n’abakenyezi ku nguvu. Umushikiranganji w’umutekano no gukinga ibiza CPC Alain Guillaume Bunyoni avuga ko muri iki gice ca gatatu c’umwaka w’2018-2019, ico caha cagarutse ku ncuro 310, ni ukuvuga nk’incuro imwe n’igice ku munsi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2019, umushikiranganji w’umutekano no gukinga ibiza CPC Alain Guillaume Bunyoni yameyesheje ko ivyo biharuro vy’abafashwe ku nguvu muri ico gice ca gatatu c’umwaka w’2018-2019 biteye ubwoba.

“Turabona y’uko muri iki gihe turiko turasuzuma ico caha cagarutse ku ncuro 310, bisigura y’uko turavye ni nk’incuro imwe n’igice ku munsi, aho twumva ko ari ibintu biteye ubwoba, hamwe mu Burundi ku munsi ku munsi hoba hariho n’imiburiburi umuntu umwe canke babiri bafashwe ku nguvu ku munsi ku munsi murumva y’uko hoza kugera umwaka ibintu bimeze nabi. Ni nayo mpamvu hazobwirizwa gushirwamwo inguvu zihambaye.”

Ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza bushikiriza kandi ko muri ico gice ca gatatu c’umwaka, hibonekeje ingeso itari imenyerewe, y’uguheba n’uguta imiryango, aho vyibonekeje incuro 127 muri ico gice c’umwaka. Umushikiranganji CPC Alain Guillaume Bunyoni ameneysha ko ivyo vyerekana ko hari igikenewe gukorwa, kugira iyo ngeso ntibandanye, kuko uguta n’uguheba imiryango ari isoko ry’ihungabana ry’umutekano, n’ubutunzi bugatera busubira inyuma mu miryango no mu gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 767