Basketballhomepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Nta mukinyi n’umwe w’Urunani canke Dynamo yitabiriye imyimenyerezo y’umurwi nserukira gihugu wa Basketball

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 16 Rusama 2023 niho umurwi nserukira gihugu wa Basketball Intamba mu Rugamba watangura imyimenyerezo ya mbere .

Iyo mumyimenyerezo ikaba yaraye ikoreshejwe na Aaron Kagabo nk’umumenyereza mukuru hamwe na Ngwijuruvugo Patrick icegera ciwe .

Naho biri uko , nta mukinyi n’umwe mu batumweko haba uw’Urunani BBC canke Dynamo BBC yabonetse muri iyo myimenyerezo ya mbere .

Umumenyereza mukuru w’umurwi nserukira wa Basketball Aaron Kagabo yibukije ko gucererwa no gusiba biri mubifatirwako cane mu bijanye n’inyifato y’umukinyi . Aca aboneraho na karyo ko kubereka abazoba begereye umurwi mu gihe bariko barimenyereza ( Staff Téchnique, Preparateur Physique, Team Manager na Kit Manager ).

Urutonde rw’abakinyi bari bahamagawe :

1) Abikunze Napoleon
2) Akimana Jambon Landry
3) Cubahiro Arnaud
4) Dushime Robin Clark
5) Giriteka Yves Bellard
6)Jimbere Paulin Gauthier
7) Kabura Rodrigue
8)Kavakure Irakoze Bryan Amour
9) Musoda Regis
10)Ndagijimana Oly Jordy Mogard
11) Ndayizeye Ornel
12) Ndikumana Landry
13) Ndikuriyo Bienvenue Richard
14) Ngenzahayo Malick
15) Nijimbere Bénit
16) Nijimbere Joe Guibert
17) Nikiza Delvire
18) Ninziza Alvin
19) Nsabimana Hervé
20) Nsumizi Steve

What's your reaction?

Related Posts

1 of 825