homepagekirundi_Sports

Iyindi Social Media y’abarundi ngo buca isanga GASAPE SN

Inyuma ya Gasape SN, abarundi bandi babandanya bakora izindi mbugahwaniro. Hari uwamenyekanye mu bumanuko bw’igihugu, yakoze urundi.

Nkuko amakuru dukesha ikimenyeshamakuru Ijwi rya Amerika abishikiriza, urwo rubuga rwakozwe n’umunyeshure w’imyaka 16 y’amavuko. Yiga mu mashure yiwe yisumbuye.

Nkuko ico kinyamakuru kibandanya kibishikiriza, urwo rubuga rufitanye ubucuti na Telegram, urubuga rwo kuganirirako rw’abarusiya. Ariko uwo musore akaba ngo afise ikibazo c’ugushira ahabona urwo rubuga kugira abantu babashe kurukoresha, ngo nawe abashe kwunguka.
Urwo rubuga rutaranavuka, rukaba ruje rusanga rugenzi rwarwo GASAPE SN, narwo rwakozwe n’abarundi, rwo rusa n’urwatanguye gushinga imizi ugereranije na zigenzi zazo, zo zimaze imyaka itari mike.
GASAPE SN, rukaba rutorohewe mu misi iheze, kuko rwigeze no gukurwa ku mbuga nka Playstore na Appstore kuko hariho urubanza rwabahuza na rumwe mu mbuga zikoreshwa na benshi kw’isi.
Ariko Imana ikaba yarabikoze, ubu urwo rubuga rudasiba gutera imbere rukaba rumaze gusubira Kuri ayo masoko y’imbuga, ibica bituma urwo rubuga rubasha gushirwa mu duhamagazo cane, n’abarukoresha buri musi bakiyongera.
Ku rubuga rwa Twitter, bamwe bakaba batanguye kuvuga ko abarundi batanguye gukomera, kuko batanguye kwinjira ku masomo akomeye yo gukora izo mbuga, ariko abandi n’abo bakaba batabibona uko.
Commentaire twabashije kubona, umwe akaba avuga ko kuvuga ko bene izo mbuga zimaze gushinga imizi bagiye guhinda agashitsi kubera abarundi n’abo batanguye gutera Imbere, ngo ari ukwihenda cane. Igituma ngo nuko bo bakomeye, mu gihe hano iwacu tutaranikangura, ariko tukiyemerera mu ndoto, abandi bo bageze gusarura utwo barimye haraheze imyaka itari mike.

Ikindi twovuga nuko inyuma yaho amashirahamwe yo gutumanako amakuru asa n’ayankiye urubuga rwa GASAPE SN, kurushira mu gitigiri c’imbuga hwaniro zifise ama Bouquet, urwo rubuga rwamaze gutangura kugerageza Carte Sim ya connection gusa. Iyo connection ikaba izoba ikomoka Kuri Satellite.
Iyo carte sim Ikaba izoba ibonetse inyuma y’ingendo z’urutavanako nyene urwo rubuga, Peris Saxe Gateka yakoreye muri Leta zunze ubumwe za Amerika, aho harimwo n’urwo yaherekejemwo umukuru w’igihugu mu nama yahuza abagwizatunga b’abarundi, n’abagwizatunga ba muri amerika.
Izi mbuga zirko ziravuka hano iwacu rero zikaba atarizo zonyene, kuko hari n’izindi zitari nke zakozwe n’abirabure, Kandi zikanakorerwa muri Afrika. Zimwe zikaba ziba muri za Kenya, Afrika y’epfo, Nigeria n’ahandi.
Itandukanye ry’ izi n’izindi mbuga hwaniro tumenyereye, akaba ari uko zo zitabashije kumenyekana cane, ngo zikoreshwe na benshi, gutyo ngo haboneke impinduka zikomeye mu bijanye n’ubuhinga zifise.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822