abakinyi bakina hanzefootballhomepagekirundi_Sports

# Indundi Sports| Imiriyaridi 12 z’amarundi niyo mafaranga ikibuga Intwari kimaze gutwara

 

Hari kuri uyu wa kane  igenekerezo rya 31 isaha icenda 15h00 ku kibuga citiriwe Intwari , aho uwurongoye ibikorwa vyo kwubaka ico kibuga Honorable Réverien Ndikuriyo ari kumwe n’icegera ciwe Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi bari baramutse bakoranya abanditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubasigurira aho ibikorwa vy’iyo nyubako bigeze .

Honorable Réverien Ndikuriyo yabanje gushimira abasanzwe bariko bukaba ico kibuga .

Akaba yagize ati’’ Ubwa mbere n’ugushimira umurwi w’abahinga barongoye na Ingénieur Methode Ndikumagenge bakoze ibitari bike ku musi, ku musi no mw’ijoro bagakora, tugashimako bari bafise imirwi yagenda irahinyanyura ‘’

Urugendo rw’amezi 8 rurangiye uyu musi, ubu hasigaye ibikorwa vyanyuma kandi ivyo bikorwa ni ukuvyitondera kugira ntihagire ikosa ribamwo , ibintu vyinshi bisigaye n’ugushiramwo amatara hose mu mazu n’ama Eshope yoss abamwo ico n’ikintu kininiya n’uguheraheza ‘’.

‘’ Muri reta bamaze kuduha imiriyaridi 4, abandi baterereye bamaze guterera imiriyaridi 4 n’imiriyoni amajana 200 , mugabo ibikorwa vyose bimaze gukorwa bimaze gutwara imiriyaridi 12 n’imiriyoni amajana 220 , urumva haca habura imiriyaridi 3 n’ibihumbi amajana 700 , hariho ibikoresho twatoye navyo nyene kugira dutangure navyo vyatwaye imiriyoni amajana 709 ‘’.

Ndikuriyo akavuga ko hari abamaze guterera imifuko y’isima ibihumbi 5185 yayindi ikomeye , hamwe n’iya Buceco ingana n’ibihumbi 2640.

Mwomenyako ico kibuga gisigaje amafaranga angana n’imiriyaridi 5 kugira kirangire cose .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 851