abakinyi bakina hanzehomepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Intamba za Handball -19 zagendewe

Umurwi nserukira gihigu w’Intamba mu rugamba muri Handball w’abatarenza imyaka 18 wagendewe n’indongozi z’ishirahamwe rya Handball mu Burundi .

Hari kuri uyu wa kane  igenekerezo rya 08 Ruheshi 2023 , Isaha cumi n’umwe z’umugiroba ( 17h00) , aho umurwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 18 wa Handball uriko witegurira inkino z’igikombe c’isi kizobera muri Croatie c’abatarenza imyaka 18 wagendewe n’Indongozi z’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko muri Handball zirongowe n’uwusanzwe atwara iryo shirahamwe Nikobamye Dauphin hamwe n’Icegera ciwe Ndikumana Innocent .

Ari kuri micro z’abamenyeshamakuru Nikobamye Dauphin akaba yavuze ko bagendeye uwo murwi mu ntumbero yo kubashigikira , no kuraba aho ibikorwa bigeze .

Dauphin Nikobamye avuga ko uwo murwi ukeneye ibintu vyinshi bivanye n’uko mw’ishirahamwe ryabo ata buryo bwinshi bafise aca aboneraho na karyo ko gutumira abantu bose bafise uburyo n’umutima wo gufasha ahereye ku bushikiranganji, abarwizatunga n’abandi bakunda inkino baze kubafata mu mugongo.

Mwomenya ko uwo murwi nserukira gihugu uzofata urugendo mu kwezi kwa Mukakaro 2023 werekeza mu gihugu ca Croatie mu ntumbero yo kwitabira ico gikombe c’Isi c’abatarenza imyaka 19.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 840