Entertainmenthomepagekirundi

Berry ngo ntagiye guhagarika umuziki

Abafana ba Berry Music hamwe n’abakurikirana umuziki muri rusangi umutima uri mu kirere ko Berry Music nawe agiye guhamvya abandi baririmvyi b’abarundi basuhukiye mu mahanga, mu gushira ku ruhande ingabire yiwe yo kuririmba, kuko azoba I Buzungu.

 

Umuziki ngo ntagiye guhagarika, ivyo n’ibishikirizwa na Manager wa Berry Music, aho yasa n’uwuhumuriza abariko bavyibaza.
Ku rubuga rwa Twitter, umuririmvyi Berry Music, yamenyesheje ko yamaze gushika mu gihugu ca Canada, neza neza Ottawa, naho hatamenyekanye vy’ukuri icoba kimujanye.
Abantu batari bake bakaba bashimye ko uwo muririmvyi wa Angelina, Try Me canke MA, ateye iyo ntambwe akerekeza kuri uwo mugabane w’indoto ku batari bake, ariko bakanahagirira ubwoba.
Nkuko twabashije kubibona Kuri Twitter, bamwe babajije nimba uwo muririmvyi azohava abandanya gukora umuziki, abandi n’abo bakamusaba kuzobandanya.
Ibi babimusavye canke babibajije kuko abaririmvyi batari bake b’abarundi bamaze kuja hanze, umuziki baca basa n’abashize hasi, abandi n’abo bakawukora, ariko atari ku murindi nkuwo bari basanzwe bakora.
Manager wiwe ariwe Elsie Gretta akaba yahavuye anatanga umuco Kuri ayo makenga abatari bake bari bashikirije Kuri urwo rubuga, inyuma y’ukubanza gushikiriza abamushigikiye muri urwo rugendo rw’umuziki yakoreye mu gihugu.
Elsie Gretta akaba yavuze ko uwo muririmvyi atagiye guhagarika umuziki, ahubwo ngo azowubandanya. Yanditse agira ati :” Abantu benshi bibaza ko Umuziki atazowubandanya, azowubandanya cane.”

Amakuru y’iyo VISA y’uyu musore akaba yaheruka kumenyekana avuzwe na Simbizi wa Semavumba mu kiganiro aheruka guha Alan The Real muri The Real TV show, aho yavuga ku makuru ahari ariko atavugwa.
Ico gihe havuzwe ama VISA y’abaririmvyi 2, iyi ya Berry Music yo muri Canada, ariko avuga ko atazi vy’ukuri nimba ari umuziki umujanye canke ari ikindi kintu kimujanye, anavuga n’iya SAT-B, ariko uwo Mugabo akaba yahavuye asa n’uwubibeshuza mu Kiganiro yatanze yerekeza muri Tanzania.

Ibinyamakuru bitandukanye bikaba vyavuze Kuri iyo nkuru, birimwo Akeza yavuze ko uwo Musore agiye kubandanya ibikorwa vy’umuziki ariko Kandi n’ibindi bikorwa vyiwe bwite. Bishoboka ko ari amashure, kuko abatari bake bariko barajayo kubw’amashure.
Berry Music akaba agiye yaramaze imisi ataheruka gusohora amasanamu y’indirimbo imwe, kuko ayanyuma yari ayo mu mwaka uheze, ayo nayo yari MA yakoze mu kwezi Kwa 2 kw’umwaka uheze, akaba ageze Kuri Views 144,000.
Ariko Ama Audio yo hagati y’ubu na MA hakaba hari hamaze gusohoka Try Me na Mercy. Iyi yo yanyuma akaba ariyo yaheruka gusohora haraheze amezi 2, aho ubu imaze kurabwa incuro 10,000 Kuri YouTube yiwe.

Berry Kandi agiye mu gihugu abaririmvyi 3, Double Jay, Drama T na Vania Ice bagiye gukoreramwo igiteramo Vuba cane, ubwo tukizera ko nawe azokibonekamwo, ubona ko ikibazo ca VISA kuriwe camaze gukemuka.

Tuvuze Kandi ku kijanye n’ayo ma VISA ya Canada, nuko ico gihugu mu mwaka uheze camenyesheje ko kigiye kwinjiza muri ico gihugu, abimukira 1,500,000 gushika mu mwaka wa 2025. Abimukira bazoshirwa imbere ngo n’abasanzwe bafise abantu babayo, nukuvuga ko hazokorwa ico bita recouplement Familial.
Abandi bavuze ko bazoshirwa imbere n’abadafise impapuro basanzwe baba muri ico gihugu, gikundwa n’abatari bake.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769