homepage

Les jumaux urubanza rumwe rwamaze zibiri

Mu makuru yacu twabashikirije twarababwiye umurwi les Jumaux Music ko bashimwe muri Congo Brazzaville muri Festival yitwa “N’Sangu Ndji Ndji yoyo ya 19” ntacahindutse.

Barabonetse mu bibanza 2 nkuko bari babitubwiye, mwibaza ko ari ibiki bahungukiye?

 

Mu kiganiro bakoranye na Indundi Magazine bagaragaje umunezero bafise uretseko baririmvye Imbere y’abantu isinzi yamara ngo baranahuye n’abaririmvyi bibihangange bo ngaho muri Congo, baranaronkejwe n’ivyirwa (formation) barikumwe n’abaririmvyi bava mu mihingo itandukanye nka Soudan,France,…..nahandi..

Ikindi ngo mukugaruka ntibazoza imbokoboko hari ibikorwa bagiye kuhakorera batarashima kuvuga ni bande bakoranye.

Ico batwemereye ngo n’ukurindira tukazobimenyeshwa hageze ko bisohoka.
Yamara kandi igenekerezo rya 16 Ruheshi 2023 vyahindutse ntibakigarutse mu Burundi kuri iryo genekerezo ku mvo zuko hari ibikorwa bategerezwa kuza nahejeje
bazotumenyesha hanyuma igihe bazogarukira.

Ni igiki ukundira umurwi les jumeaux music?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,673