homepagekirundi_Sports

Dushigikire Handball !!!

Umurwi nserukira gihugu wa Handball w’abatarenza imyaka 19 uriko witegurira urugendo ruzobashikana mu gihugu ca Croatie mu ntumbero yo kwitabira inkino z’igikombe c’Isi , Ishirahamwe ry’urukino rwa Handball mu Burundi rigiye gutegura umusi wahariwe guterera (Handball Day).

Ivyo bikaba bigiye gukorwa mu ntumbero yo kurondera amafaranga azobafasha mu guserukira neza Igihugu c’Uburundi mu nkino z’igikombe c’Isi .

Ivyo birori bikaba bitegakanijwe kw’ igenekerezo rya 30 Ruheshi 2023 kuri Zion Beach .

Abazoteramisha abantu muri ivyo birori nabo n’Abaririmvyi bakomeye b’Abarundi nka Vichou Love , Drama – T , D – One hamwe n’umunya tugenegene Mutima le Comedien .

Itike izoba iri giciro c’Ibihumbi 10K FB gushika ku muriyoni w’amarundi 1M FB.
Uruganda rwa Indundi Sports rukaba rubahamagarira gushigikira uwo mugwi mu kwitera iteka ritegwa igihugu

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807