Wa Mukozi w’Imana w’umunyarwanda Pastor Theogene yarakunzwe cane kubera uburyo yakoresha amajambo yo kwi barabara canke ayo musi y’itara nkuko mu Rwanda babivuga, mu kuvuga ubutumwa bwiza, yitabiye Imana mu gihugu c’Ubugande.
Umukozi w’Imana Pastor Niyoncuti Theogene yarasanzwe akunzwe na benshi kubera uburyo yavugamwo ijambo ry’Imana bisa n’ibitandukanye n’uko abandi bari basanzwe babikora, yitavye Imana.
Uwo mukozi w’Imana wo mu rusengero rya ADPER mu Rwanda, canke Pantekoti hano iwacu, yitavye Imana aho yarariko ava mu gihugu c’Ubugande, asubira mu Rwanda, nkuko vyemejwe na mwene Nyina.
Ayo makuru dukesha ikimenyeshamakuru Igihe co mu gihugu kibanyi c’Urwanda avuga ko uwo mukozi w’Imana yararikumwe n’abantu 3 mu modoka aho bagira isanganya, hagasandaba abantu 2, barimwo uwo mukozi w’Imana Theogene.
Uwo Mugabo yakunda gukoresha imvugo zo mw’ibarabara, abantu batari bake amarira ari menshi kuva hamenyekanye ko uwo mukozi w’Imana yitavye yatashe.
Pastor Theogene yarazwiko gukora Ibiganiro bitandukanye mu bimenyeshamakuru mu Rwanda, aho yavuga intahe yiwe uburyo yaciye mu Buzima bugoye, ariko Imana ikaza kubumukuramwo.
Uwo mukozi w’Imana akaba mu butumwa yashikiriza yagaruka cane ku bana bo mw’ibarabara, mu Rwanda bakunze kwita aba Marine.
Mu vyamubayeko vyababaje benshi, harimwo inkuru y’ukuba atashobora kwigurira ikoti ryiza canke ngo yambare neza Kandi abana batari bake yaratunze batarabasha gufungura.
Pastor Theogene Kandi yaheruka gushikiriza ijambo ry’Imana ryavugishije abatari bake, aho yavuze ko vy’ukuri mu nsengero hakenewe abakiristu batavuga Amen gusa Kuri za Micro, ahubwo ngo hakenewe abakiritu batanga, kuko izo micro ngo ntibatwenga ngo zice zivuga. Zijamwo amabuye kandi nayo agurwa amafaranga.
Pastor Theogene akaba atasha yaheruka kwuzuza inzu y’umuryango wiwe. Abatari bake mu bakurikiranira ibiganiro atanga, bakaba baramufashije kugira abashe kwubaka iyo nzu.
Uwo mukozi w’Imana Kandi muri iyi misi iheze akaba yaheruka kugwara, araja imisi itari mike mu bitaro, ariko Imana iramukiza asubira gukora igikorwa c’Imana.
Pastor Theogene akaba ari mu bakozi b’Imana 3 bari bakunzwe cane muri ico gihugu kibanyi c’Urwanda, eka mbere no mu bihugu bitandukanye kubera ama Video yiwe ku mbuga ngurukanabumenyi yahanahanywa cane.
Aha mukamenya ko akazi Kari kajanye uwo mukozi w’Imana muri ico gihugu, ari ukuvuga ubutumwa nkuko vyashikirijwe muri iyo nkuru nyene.


















