Entertainmenthomepage

DJ Paulin bamusamiye hejuru

DJ Paulin ntibamworoheye ku rubuga rwa Twitter, kubera ivyo yashikirije kuri Snapchat vyazanywe Kuri urwo rubuga biraheza bifatwa nabi na bamwe bamwe.

Uwo Mugabo asanzwe akorana vya hafi n’abaririmvyi batari bake, akaba aheruka kuvuga ku bantu baja muri bwa butambiro asanzwe afise, ariko bakajayo bukeye.

Nkuko vyabonetse ku rubuga rw’umumenyeshamakuru Elsie Gretta, DJ Paulin yihanangirije abantu Baja mu butambiro bwiwe isaha ya sakumi canke Sakumi n’imwe z’agatondo. Kubwiwe ngo ntatahura ico baba bagiye gukora, kuko uwoba akeneye kuja kuryoherwa ngo yobikora mu masaha ya kare.
DJ Paulin yasavye abantu ko ukuja kwinjira muri Cristal ngo vyoba gushika isaha icenda z’ijoro, ngo ataruko abantu boguma iyo baba bari, kuko kubisanzwe bugurura isaha 2 z’ijoro.
Ibi bikaba bitazoroha, kuko abarundi bazwiko cane guhindura ububare mu masaha yo mw’ijoro, kuko Vibe iba atarimwe muri ubwo butambiro mu masaha yo mw’ijoro. Ivyo rero DJ Paulin akaba atagiye kuvyemera.
Uwo mungwizatunga, akaba amajambo yashikirije atakiriwe neza na bose, kuko hari abavuze ko uwo Mugabo ngo yoba asigaye yibona arico gituma yavuze ivyo.

DJ Paulin akaba azwiko I Bujumbura kuba afise Night Club itorohereza bose, kuko iwe uwambaye Ibutura canke ikamambiri atinjira mu butambiro, igituma nuko kubwiwe uwo aba yambaye uko aba atari yiteguye kuja mu butambiro.

Kwa DJ Paulin Kandi niho higeze kuvugwa cane kubera abantu basaba amadeni mu bubare ntibibuke kuriha, aho yavuze ko agiye gushira hanze iyo List y’abaheranye muri Cristal.
Nta wuzi rero ko ivyo bivuzwe vyoba bizoca bikurikizwa, canke ari mu nzira yo kugira amenyekanishe igiteramo ngarukamwaka asanzwe afise arico Party People, kuko yamaze gushira ahabona amazina y’aba DJ Bazoboneka muri ico giteramo gikunzwe kwitabirwa cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,763