Igihugu c’Uburundi cungutse ibibanza 5 ku rutonde rwa FIFA , inyuma yo gutsinda Namibia ibitsindo 3 kuri 2 mu rukino rwo gukurakuranamwo rwo kurondera itike yo kwitabira CAN 2024.
Mu mezi abiri aheze igihugu c’Uburundi cari mu kibanza ca 145 kw’isi , ariko kuvaho Uburundi butsindiye Namibia bwaciye bwunguka ibibanza 5 vyose ku rutonde rwa FIFA .
Uburundi bukaba bwavuye mu kibanza ca 145 kw’isi buja mu kibanza ca 140 kw’isi .
Mu bihugu 5 vyo muri Karere ka africa y’ubuseruko igihugu c’ubuganda kiri imbere kuko kiri mu kibanza ca 92, Kenya nayo ikaba mu kibanza ca 105 , Tanzania mu kibanza ca 123, Rwanda mu Kibanza ca 139 mugihe Uburundi bwaciye buja mu kibanza ca 140.


















