Entertainmenthomepage

Drama T yagabishije ngo araba maso

Pacifique Nzitonda, ngo abaririmvyi nka Drama T bari bakwiye kuba maso, kuko bataravye neza, abari inyuma yabo nka D One bashobora kuzoguma bahagaze neza, inyuma y’imyaka itari mike ariko bo barahawe umugongo n’ababafana uno musi.

Umuririmvyi Drama T ngo yarakwiye kuba maso, ntagendere Kuma sugise agize imisi ariko araronka, kuko umuziki wiwe ari uw’abanyagisagara, Kandi abo n’abo ngo ntibamenyerwa.
Ivyo biheruka gushikirizwa na Pacifique Nzitonda mu kiganiro yagiranye na Juste Gael ku rubuga rwa YouTube rw’umukubito. Muri ico kiyago bagiranye, Pacifique akaba yatanze impanuro zitari nke kuvya kazoza k’umuziki wa Drama T.

Kubwa Pacifique ngo naho yakwije ibitari bike mu bisabwa ngo umuririmvyi atangure kwinjiza amafaranga, ngo hariho ukuntu ibintu vyo kubanza kwubaka umushinge ngo atari ikirenga cane.
Iyo nararibonye mu Muziki, yavuze ko Drama T akwiye kurondera uko aririmba Indirimbo zidatakaza igihe, kuko zo zibasha kuguma mu mitwe y’abafana igihe kirekire.
Igituma amusaba kuraba agahindura umukenyuro, ngo nuko abanya gisagara ngo baharara, ngo ntaze atangare mu myaka iri imbere, abo bavuga ko ari abafana biwe, bamuhaye umugongo.
Uwo muririmvyi akaba yavuze ko igituma bamuha umugongo aruko ata gishasha baba bumva muvyo aririmba, kuko baba bumvise abandi baririmvyi babasha gukora nkawe. Akarorero ni nk’aba Nigeria canke abo muri South Africa.

Iyo nararibonye yavuze ko hari abaririmvyi bashasha bariko barahabwa ni rwere n’abategura ibiteramo Kandi bariko bubaka umushinge mwiza. Abo n’abo ni nka D One, kuko ngo Indirimbo aririmba, n’indirimbo zikundwa n’abanyagihugu ba ruguru cane gusumba abanya gisagara.
Pacifique yasavye D one kwihangana naho uno musi atariko araronka ama Deal atandukanye, ngo kuko we ubu ariko arubaka umushinge, uzotuma arya igihe kirekire, Kandi bigatuma abasha gushika aho bo batashitse naho bandika neza.
Kubwa Pacifique Nzitonda, ngo Drama T yarakwiye kuraba uko ahindura, naho vy’ukuri inzira arimwo nayo atari mbi.
Nzitonda abona ko kwinjiza ama Views menshi, gukundwa cane binyarutse atari bibi, ariko ngo kenshi ntibiramba.

Ku batavyibuka, Pacifique Nzitonda, ari mu bakeje umuririmvyi Drama T aho yakorera ibiteramo ku mugabane w’uburayi, ariko Kandi akaba yanahavuye asaba abariko barategurira ivyo biteramo uwo muririmvyi ko boca banibuka n’abandi, nka D One na Emery Sun kugira n’abo babashe gushika muri ayo mahanga gukora ibiteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,763