africa newsCAN2019homepageIndundi Hits Showskirundiprimusic-burundisecuritysocieteUgandaWestern Sydney Films Festival

Bobi Wine yahagaritswe n’igiporisi c’Ubuganda

Mu gihugu c’Ubuganda, umuririmvyi akongera akaba umushingamateka atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Perezida Yoweri Kaguta Museveni azwi kw’izina rya Bobi Wine yahagaritswe n’igiporisi co muri ico gihugu kuri uno wa mbere igenekerezo rya 22 Ndamukiza umwaka w’2019.

Bobi Wine akaba yahagaritswe mu gihe yariko yerekeza ku kiyaga Victoria aho yari agiye kumenyesha abakunzi biwe ko igiteramo yari gukoresha muri ico kibanza kitakibaye bivanye n’imvo z’umutekano nk’uko biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’abajejwe umutekano kuri uyu w’Imana waraye uheze ryabuza ico giteramo kuba.

Umupfasoni w’uyo muririmvi Barbie Itungo Kyagulanyi akaba yamenyesheje ko baza bamazekwitura abashingwamanza ba bwana Wine kugira ngo bakurikirane iyo umushingantahe wiwe yajanywe.

Mwomenya ko Bobi Wine (Robert Kyagulanyi ku mazina yiwe y’ukuri) ko kuva aho amenyeshereje ko atavuga rumwe na Reta ya Perezida Yoweri Kaguta Museveni mu mwaka w’2017, abategetsi bo muri ico gihugu baciye bamubuza kubandanya aza ariyerekana mu bantu. Bobi Wine akaba yaranapfunzwe mu mwaka w’2018 yagirizwa kugumura abantu bagatera amabuye ku modoka zari zireruye umukuru w’igihugu mu gihe zari zigeze mu karere ka Arua ahabaye imvururu zidasanzwe zinahitana ubuzima bw’uwatwara imodoka ya Bobi Wine.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758