EntertainmenthomepageUncategorized

Yantanze kuririmba ndamutanga kumenyekanaa!

Mu kiganiro “indundi Hit Show” co kuri uyu wa mbere, twagendewe n’umuririmvyi rurangiranwa mu midiho itandukanye inakunzwe cane, haba ku rwaruka canke abakuze na rirya yakoze kuva kera.

 

Nassor Salum Niyonzima yamenyekanye nka Lolilo yaganiriye n’abakunzi biwe ku nsamirizi “Indundi Culture” abazwa ibibazo bitari bike harimwo n’ic’indirimbo EJO aheruka gushira ahabona.

EJO ni indirimbo yasohokanye n’amashusho yayo benshi badahengeshanya kuvuga ko yakoze ku mitima yabo, abandi nabo bakavuga ko harimwo uduce tuyirimwo dutinyitse. Nk’akarorero, agace kamwerekana ari mw’itongo ry’abapfuye riri ku Mpanda .

Abajijwe impamvu yashimye gukorera muri ico kibanza gisa n’igiteye ubwoba, LOLILO yishuye agira ati “: Jewe ndatandukanye kuko naramaze kubura umuryango wanje wose kuva kuri Papa gushika ku bavyara, data wacu n’abandi. Kuba nakoreye amashusho y’indirimbo EJO ku Mpanda ni ibisanzwe ntabwoba na mba, kuko n’ubundi buri wa gatandatu nsanzwe mfata akanya nkaganira na bo ngaca ku mva imwe kuyindi.Iikindi kandi ni uko ari vyo bibereye. Kukaba nka ko ni vyo indirimbo ivuga, niko vyanditse ” .

Yabandanije avuga ko nk’umuririmvyi atigeze yoroherwa ariko agashima intambwe agezeko inyuma yigihe kirekire ari mu ruganda rw’umuziki.

Abajijwe ahavuye Izina Simba, yerekanye ko ryavuye muri LOLILO kuko n’ubundi iri ngo ryanyuma ryavuye muri ” LE LION ” bisigura INTARE .

Yabandanije avuga ko nk’umuririmvyi atigeze yoroherwa, ariko ashima intambwe agezeko inyuma yigihe kirekire ari mu ruganda rw’umuziki, akavuga kandi ko wewe yamaze kurengera ico kugura ama ” Views ” kurubuga rwa YouTube kuko ababikora baba bifuza kwamamara ariko wewe ivyo asanzwe abifise.
Abajijwe hagati yiwe na Big Fizzo uwatanze uyundi kuririmba, Nassor Salum Niyonzima yamenyekanye nka Lolilo yavuzeko Fizzo ariwe yatanguye, ahubwo we yamutanze kumenyekana.

Lolilo yarangije ashimira Indundi Culture yamuhaye akaryo , akavuga ko ari insamirizi ikorera ahantu heza cane atazohengeshanya kugaruka niyasubira gutumirwa

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,825