homepagesociete

Gihanga: Udukaye ndangamuryango turapfunze abantu

Bamwe mubanyagihugu bo mu kigwati c’amahoro c’i Rumotomoto muri komine Gihanga intara ya Bubanza baranegura ko barihishijwe amafaranga y’amande bavuga kwari menshi agera kubihumbi 50 ku muntu basanze adafise agakaye ndangamuryango canke katujuje neza, ivyo bikaba vyabaye inyuma y’isakwa ryabaye kuwa gatandatu igenekerezo rya 7 gitugutu 2023. Abatashoboye kuyariha bari bakiri mu gasho k’igipolisi ca komine Gihanga gushika ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 9 gitugutu 2023. Ikindi bidogera n’uko abafashwe bose batarihishijwe amafaranga amwe, kandi atari bose bahawe igitansi. Uburongozi bwa komine buvugako amande atadukanye bivanye n’icaha cagiriye umuntu.

Bamwe mubantu bafashwe muri iryo sakwa baremeza ko bari bafise amakaye y’imiryango ariko umukono w’umukuru w’umutumba wari kurupapuro rumwe, mugihe abajejwe umutekano bavuga ko uyo mukono wategerezwa kuba ku mpapuro zose zanditseko abagize umuryango.

Hari abandi bafashwe bemera ikosa ko ata dukaye bari bafise canke ata mikono yariko y’abatware. Ariko n’ubwo biri uko, baridoga ko hari abafashwe baca bararekurwa babanje kuriha amahera ari hagati y’ ibihumbi 10 na 30 ata gitasi kugira ntibajanwe mugasho, ayo bise “agafanta k’abapolisi”.

Abataronse ako “gafanta” bamaze gushikanwa mugasho , bemeza ko kugira basohoke barihishwa ibihumbi 50 vy’amande bagahabwa n’igitasi ca komine nk’uko twaciboneye canditseko “amande administrative” , n’ubwo na co nyene basa n’abatacemera kuko ngo amafaranga acanditseko yandikishije ikaramu atari imashini.

Abo banyagihugu bavugako bakenye ku buryo hari ababanje gufata amadeni kugira bashobore kuyariha, abandi nabo bayabuze. Inyuma y’imisi 2 bafashwe, abayabuze bakaba bari bakiri mugasho k’igipolici ca komine gihanga .

Musitanteri wa Komine Gihanga Léopold Ndayisaba aremeza ko umukwabu nk’uyo wahora ukorwa no mubindi bice vya commune Gihanga mu ntumbero y’ukubungabunga amahoro n’umutekano.

Ku bijanye n’amahera adasa yatswe abo banyagihugu, uyo mutware asigura ko amande muri ivyo vy’ubukaye bigoye ko angana kuko bivana n’ico umuntu yagira. Atanga akarorero k’uwudafise indangamuntu ko atohanishwa amande angana n’uwufise iyashaje, canke ati uwufise abantu benshi batanditse mw’ikaye ndangamuryango ntiyotanga amwe n’uwutandikishije umuntu umwe.

Uwurongoye komine Gihanga yahavuye avugana n’uwurongoye igipolisi muri komine baraheza basezerana ko hokorwa urutonde rw’abakiri mugasho badashoboye kuriha amande gutyo batahe baje gutunganya ivy’utwo dukaye tw’imiryango, abatadufise n’abo ko bogenda komine ikatubarihira.

Aha ababa muri ico kigwati ca Rumotomoto bakaba basaba ko udukaye ndangamuryango tutokwama tugurwa gushasha uko umwaka utashe tutaruzura nk’uko biri ubu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,675