Umurwi Magara Young Boys ibintu bibandanya bigenda nabi Ku ndwi igira munani y’ihiganwa rya primus League mu gihe yoyo Vital’o Fc igira iti:” ihangiro ni ryarindi nyene”
Inyuma y’aho umumenyereza Nzeyimana Mailo atangiye imihoho muri uwo murwi, benshi bari bazi ko ibintu bigiye kugenda neza aho haziye umumenyereza yahoze muri uwo murwi Ismail Nduwantare, ariko vyabandanije ukwo vyari biri.Ismail Nduwantare mu nkino 2 amaze ariko aramenyereza uwo murwi, nta rukino na rumwe aratsinda, akaba amaze kwinjizwa ibitsindo 9 mu gihe nawe amaze kwinjiza igitsindo kitarenga kimwe gusa.
Umurwi Magara Young Boys nta rukino na rumwe uratsinda, ukaba uri mu kibanza canyuma. Aho ni mu gihe umurwi Vital’o Fc wowo mu nkino 7 ata na rumwe urigera utakaza, ukaba ari nawo uri mu kibanza ca mbere mu nkino 7 ukaba ufise amanota 21 kuri 21.
Umwaka w’inkino 2023-2024, umumenyereza wa Vital’o Fc Sahabo Paris yemereye abarongozi, eka n’abakunzi b’uwo murwi, ko uno mwaka azobazanira igikombe baheruka kera mu mwaka 2016 mw’ihiganwa rikuru ry’igihugu Primus Ligue Burundi.
Twobamenyesha kandiko Umurwi ufata ikibanza ca kabiri ku musi ugira umunani w’ihiganwa ari Le Messager Ngozi unganya amanota na Flambeau du centre 17.
















