homepage

Umukinyi Eden Hazard yahagaritse gukina

Uyo mukinyi w’imyaka 32 yahagaritse, yakinye mu mirwi itandukanye ya buraya ,atangaza ko ivy’umupira w’amaguru yabihagaritse burundu.

Uyo mukinyi yamuka mu Gihugu c’ububirigi yabigize umwuga Eden Hazard w’imyaka 32 yavutse kw’igenekerezo rya 7 nzero 1991,akinira Umurwi nserukira Gihugu c’ububirigi,atumwako incuro 126 atsinda ibitsindo 33 ari kumwe na bamwe mubakinyi b’umurwi nserukira Gihugu harimwo Kevin De Brun,yamaze gusezera ivyo gukina umupira w’amaguru.

Yarigeze kubica biracika ari mu murwi wo mu gihugu c’ubufaransa,inyuma yaho Umurwi wo mu bwongereza Chelsea uca uramugura arinaho yamenyekanye cane Imbere yaho atwariye igikombe c’ihiganwa rikuru ryo mu bwongereza English Premier League ,inyuma yaho Umurwi Real Madrid waciye umugomwa uramugura atwara igikombe ca UEFA Champions League mu mwaka wa 2021/2022 ariko kubwo gufungura imfungurwa ataramenyereye,Eden yaciye avyibuha cane biza gutuma atamwanya aronka kubera utuvune twa hato na hato mu murwi wa menyerezwa na Zinedine Zidane yabaye umukinyi w’uwo murwi.

Imirwi Eden Hazard yaciyemwo harimwo Umurwi wo mu Gihugu C’ubufaransa Lille aho yashitse muri uwo murwi mu mwaka wa 2007 awuvamwo mu mwaka wa 2012 aca yimukira mu murwo wo mu gihugu c’ubwongereza mu murwi wa Chelsea aho yawushitsemwo mu mwaka wa 2012 ahatwarira ibikombe bitari bike aho yavuye muri uwo murwi mu mwaka wa 2019,aca aja mu murwi wa Real Madrid aho atigeze yoroherwa,yatsinze ibitsindo 6 mu myaka 3 yari amaze muri uwo murwi wa Réal Madrid.

Eden Hazard yavukiye mu gisagara ca La Louvière mu Bubirigi inkino zose yakinye mu mirwi itandukanye harimwo n’umurwi nserukira Gihugu yatsinze ibitsindo 200 mu nkino 749 atanga imipira ivamwo ibitsindo 193 atwara ibikombe 15.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,673