Kw’igenekerezo rya20 gitugutu 2023 mu nyubakwa z’ubushikirangaji muvyo bujejwe harimwo inkino,niho hatunganwa ikiganiro kubanditsi n’abamenyeshamakuru kwitegurwa ry’ihiganwa ry’abigeme ryokwiruka n’amakinga.
Ubushikirangaji bw’inkino n’imicokama bufadikanije n’ishirahamwe rijejwe gusiganwa n’amakinga mu Burundi bwari buramutse butunganya ikiganiro Kubanditsi n’abamenyeshamakuru uko ihiganwa kukwego mpuzamakungu mu bigeme rigiye kubera mu gihugu c’uburundi kuva kw’igenekerezo rya 21 gushika 29 gitugutu 2023.
Séverin Mbarubukeye,umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo inkino n’imicokama, mw’ijambo ryiwe yavuze :“Ni ubwa mbere mu karere k’afurika bibaye kandi bikabera mu gihugu cacu aho bikazoca bituma tuba icitegererezo k’umugabane w’afurika. Rero ibi biratuma igihugu kimenyekana abantu bakagihururumbira kuko munaravye igihugu cacu kiratotahaye mbere n’ubutunzi bw’igihugu bukisununura.
Twobamenyeshako Ibihugu bizokwitabira iryo higanwa mpuzamakungu ni Egypte , côté d’ivoire , Bénin, Cameroun, Kenya, RDC , Uganda Tanzanie n’igihugu c’Urwanda



















