homepage

R Flow yavuze ku ndirimbo y’abandi yasubiyemwo

Kuri uyu wa 1 niho R Flow yashize ahabona akaririmbo gashasha yise Umusaraba W’urukundo, ako kakaba kanditswe n’umurundi waho hambere aranagashira ahabona, kakaba gasanzwe gakundwa n’abatari bake.

Inyuma y’akaririmbo ka Pamella yashize ahabona agatira amajambo amwe mu kandi karirimbo k’abo muri amerika y’epfo, R Flow ubu naho azanye akaririmbo gafise amajambo n’umudiho bisusa n’ak’aho hambere k’umurundi.

Ako karirimbo yashize ahabona kuri uyu musi akaba yakise Umusara w’Urukundo, kamwe mu turirimbo dukunzwe cane kuririmbwa mu ma karaoke. Ako kakaba karirimbwe n’uwitwa Berekimasi yanaririmvye utundi tutari duke twakunzwe n’abatari bake.

Twashatse kumenya nimba yoba yarasavye uruhusha kuri iyo ndirimbo yakoze kandi ari iyabandi, yatumenyesheje ko afise urupapuro yahawe rumwemerera kuyisiramwo. Urwo akavuga ko n’uwutwara ishirahamwe ry’abaririmvyi AMB yarushizeko igikumu.

Yanatugenyuriyeko ko ako kairimbo gashobora gukorerwa amasanamu mu misi ya vuba nka hamwe Imana ibimufashijemwo. Ariko nkuko yama akaba adatanga neza neza ico gikorwa ryari kizoshirirwa ahabona.

Uwo muririmvyi akaba yavuze ko yashimwe gusubiramwo ko karirimbo kuko ngo kuva akiri muto yamye agakunda cane.

Mwokwibuka ko akaririmbo kiwe ka nyuma yaheruka gushira ahabona ari Tell Me Why, ako kakaba nako kakurikiye Pamella nayo yarukiye izindi zitari nke zirimwo amasnaamu yanyuma yaheruka gushira ahabon, iyo ikaba yari yakorewe muri Ikoh Multiservices haraheze igihe.

https://m.youtube.com/watch?v=IJAmIwBH6TM

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686