africa newsEast Africa NewshomepageIndundi Hits ShowsIntamba DaykirundiMagic Soldier KingorongoroTourism

Tanzania yimye bamwe mu benegihugu uburenganzira bwo kwinjira ata Visa

Abenegihugu b’Ibihugu bitandukanye birimwo Congo na Angola batswe uburenganzira bwo bwinjira muri Tanzania ata Visa barishe, mu gihe Afrika yipfuza ko ibihugu biyigize vyugururira imipaka abanyafrika.

Abenegihugu b’Ibihugu birimwo Angola na Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, batswe uburenganzira n’igihugu ca Tanzania bwo kwinjira muri ico gihugu bataaje kuriha Visa.

Amakuru dukesha ikinyamakuru The East African avuga ko uwujejwe kuvugira igisata kigenzura abinjira n’abasohoka muri ico giugy, avuga ko bafashe iyo ngingo kubw’inyungu z’igihugu. Iryo tegeko rikaba riraba abanyamitahe, abadandaza co kimwe n’abaja mu karuhuko muri Tanzania bava muri ivyo bihugu.

Kuri ivyo bihugu hakaba hiyongera ibihugu vyo muri asia nka Palestine, Pakistan na Yemen bahora nabo nyene binjira ata kibazo, ariko ubu bakaba babanza gusaba Visa. Ivyo bihugu bitari bike bikaba bije vyiyongera ku bihugu nka Nigeria, Djibouti na Ethiopie nabo bahora bari mu gitigiri c’abinjira ata kibazo muri Tanzania ariko uno musi babanza gusaba Via y’amezi 3, imbere yujo bafata urugendo.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe afrika iri mu mugambi w’ukworoherera uruja n’uruza rw’abanyafrika kugira binjire mu bindi bihugu vya Afrika ata Nkomanzi. Aho tukavuga nk’Urwanda muri uyu mwaka ruheruka gushiraho itegeko riha uburenganzira abanyafrika bwo gusaba Visa bashitse ku kibuga c’indege i Kigali.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 740