East Africa NewshomepagekirundiMagic Soldier Kingorongoro

Uganda yahagaritse imbuga ziganisha muvy’urukozasoni -Pornographie-

Naho hari abahinga bashobora kuziraba, ariko ngo igitigiri kinini c’abahora barabira ivy’urukozasoni ku mbuga zivyerekana ntibagishoboye kuziraba muri Uganda.

Imbuga zerekana amashusho y’urukozasoni, canke izerekana abakobwa bagurisha umubiri zirenga 25 ziheruka kwukwa uburenganzira bw’ukurabwa mu gihugu ca Uganda.

Amakuru dukesha ibinyamakuru vyo muri Uganda avuga ko amashirahamwe atanga Internet, yahawe itegeko n’umurwi ujejwe kugenzura itumatumanako amakuru, ngo bashire izo mbuga ku rutonde rw’izitarekuriwe kuabwa n’abari muri Uganda.

Naho vyakozwe uko ivyo binyamakuru bivuga ko hari abashobora gukurikirana ivy’izo mbuga, ariko bakoresheje ubuhinga bita VPN. Ariko naho biruko umurwi ujejwe kugenzura ivy’urukozasoni muri Uganda, uvuga ko kuva bahagarika izo mbuga ngo igitigiri c’abaraba ivy’urukozasoni muri ico gihugu cagabanutse ku rugezo runini gose.

Uwo murwi w’ukugenzura n’uguhasha ivy’urukozasoni muri uganda uvuga ko uticaye, kuko uzi ko hari abashobora guca bahindura bagakoresha ayandi mazina, ngo uwo murwi uriko urategura urundi rutonde kugira bikunde baruhe abo babijejwe noneho nabo baje mu badakwiye kwerekanwa muri Uganda. Bikavurwa na Dr Kezaabu.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe mu mwaka wa 2014 hatowe itegeko rihana abakora n’abakoresha ibiganisha muvy’urukozasoni -Pornographie-. Uwufashwe akaba ahanishwa umunyororo ushika ku myaka 10 hamwe n’ihadabu ry’10,000,000 z’ama shiling ya Uganda.

Izo mbuga zikaba ari zimwe mu zisanzwe zibarizwako amashusho ya bimwe mu vyamamare muri Uganda biri gusa, bishirwako atavyo bazi bivuye kukwibwa uduhamagazo -Telephone- twabo canke guhemukirwa n’abo bahoze bagendana bahawe ayo mashusho

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755