homepage

Menya indege nshasha ya Lionel Messi

Naho atakoze mu mufuko ngo ayigure, Lionel Messi ubu aharurwa mu bashobora kuzunguruka isi ata nkomanzi kuko afise indege ishobora kumujana umwanya abishakiye kandi n’abo ashatse ko bajana.

Ubu Lionel Messi ngo asigaye aharurwa mu gitigiri c’abafise indege bagenderamwo umwanya bashakiye, Private Jet. Iyo ikaba yanashizweko inumero yambara mu kibuga, mbere n’amazina yiwe.

Iyo ndege yakozwe n’ishirahamwe ryo muri Argentine ikaba itari iya Messi bwite, ahubwo ngo n’inkotano. Ariko ivyo ngo bikab vyakozwe n’iryo shirahamwe ngo bikunde bakwege abandi banyamafaranga boshima kugendera mu ndege n’izo.

Iyo ndege ikaba ifise ubwogero 2, ikibanza c’ugutekeramwo -Kitchen- hamwe n’intebe 16 zishobora kuzingwa noneho zikavamwo ibitanda 8. Hamwe n’iyo ndege, Messi akaba ashobora kuja mu gihugu hamwe n’umuryango wiwe ata nkomanzi.

Hampande y’icapa kiri inyuma kuri iyo ndege kizerekana ko uwo mukinyi w’igihangange ashitse, ngo amazina yiwe,u ay’umugore wiwe, Antonella, n’ay’abana babo, Thiago, Ciro na Mateo, yaranditswe ku nzi bacamwo bariko barayisohoka

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686