homepage

M-pesa iri mu mazi abira kubera ikibazo yagize ku musi wa 1

Ikibazo catumye M Pesa ihagarara gukora mu kiringo c’amasaha abiri muri Kenya ku musi wa 1, catumye umunyamabanga wa leta ajejwe ubuhinga bwa none asaba amatohoza.

Igisata c’ukurungikiranira amafaranga c’ishirahamwe Safaricom ryo mu gihugu ca Kenya, M-Pesa, kiri mu mazi abira, aho n’inyuma yaho ico gisata kigiriye ibibazo kikamara hafi amasaha abiri kidakora ku musi wa mbere.

Naho iryo shirahamwe ryasavye imbabazi kandi rikavuga ko rigiye gukemura ivyo bibazo, umunyamabanga wa leta ajejwe ivy’ubuhinga bwa none yasavye ko hobaho amatohoza ngo hamenyekane ico kibazo iyo cavuye hamwe n’inkurikizi. Ivyo akaba yabisavye ikigo kijejwe itumatumanako amakuru hamwe n’i banke nkuru ya Kenya.

Inyuma y’iryo sanganya ryabaye, abanyagihu bahavuye basimbira ku mbuga ngurukanabumenyi nka Twitter noneho batangura gusaba insiguro iryo shirahamwe. Iryo shirahamwe rikaba ryahavuye risaba imbabazi, ariko rimenyesha ko ririko rirabikemura.
Ico kikaba cari kibaye igisida ca 2 muri uku kwezi kuko ku musi wa 6 warangiye ngo hari habaye ikibazo c’ububiko -Data Base-.

Iryo shirahamwe rikaba rigiye gukorwako amatohoza mu gihe ridahengeshanya kworohereza abasanzwe bakoresha iyo service ya M-pesa. Mu kwezi kwa 4 ikaba yashize umukono ku masezerano na Paypal, aho abakoresha M Pesa bashobora gukurako amafaranga yabo kuri Paypal, canke bagashirako amafaranga kuri Paypal noneho bagashobora kugura ivyo bipfuza kuri Mbugangurukanabumenyi bakoresheje iyo Compte yabo ya Paypal.

S’ico gusa kuko ubu ngo abakoresha uwo muhora wa M-Pesa bashobora kwakira kuri telephone zabo amafaranga barungikiwe hakoreshejwe Western Union

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671