homepageMusique

Inyuma yamarira y’ umugore wa I Breezy 26 iravyisutsemwo

Buja Music Award ni rimwe mu mahiganwa ahora atuganwa n’abarundi kurwego rw’igihugu aho kw’igenekerezo rya 26 Mukakaro 2024 hashizwe k’umugaragaro abanyabuhinga batandukanye bagiye bararushanya mu mwaka 2023 ushira 2024 mubisata bitandukanye. Abarundi bati : Hahiganwa babiri hagatsinda umwe. Ariko vyarangiye bose badashimye aho intahe ishize cane cane kumu (Meilleur producteur de musique)umuhinyanyuzi w’indirimbo zihinguwe neza amajwi nayo uwatowe ni Joël Houghton mu mwaka 2023.

Mu mouse igera kuri 10 y’abanyabuhinga batandukanye aha twovuga umuririmvyi w’ umwaka Drama T,ururirimbo rw’umwaka Belisima,umuririmvyi w’ umuhungu w’umwaka D One,mubaririmvyikazi hatowe Monia fleur ,nayo hageze k’umuhinyanyuzi w’umwaka hatowe Joël niho umugore w’ umuhinyanyuzi I Breezy atashimye aho intahe ishize bituma haduka uruhagarara gushika aho yaka micro uwarajejwe gushikiriza ivyavuye mu matora (MC) kugira amenyeshe akababaro ko atashimye ivyavuye mu matora, birangira ataco yokoye

Nubwo biri uko umuryango wa 26 life Entertainment utilise Jules Irankunda asanzwe ari umu Diaspora umaze gutangaza yuko ugiye gutanga akaganuke k’ubahinyanyuzi b’umuziki ukozwe neza Joël hamwe na I Breezy kugira amakenga ahere mu bantu. Amatora akaba yatanguye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 2 Myandagaro 2024 akazorangira igenekerezo rya 09 Myandagaro, agashimwe kazotangwa ni umuroyoni w’amarundi k’umugaragaro kuri iryo genekerezo nyene nk’uko biri k’umbuga ngurukana bumenyi basanzwe .
Ibisabwa ni kuba urumunywanyi ku rubuga rwa Facebook 26life ugaca wandika umuhinyanyuzi wahisemwo Joël hamwe na I Breezy

Wibaza ko ari nde yari gutahukana ako gashimwe ?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687