Agriculturehomepage

Komine Bisoro:Abarimyi baratewe impungenge n’ikena ry’imbuto

Haravugwa ubukene bwa zimwe mu mbuto muri komine Bisoro y’intara ya Mwaro,imbuto  zigizwe n’ibigori hamwe n’ibiraya. Abarimyi bafise amakenga kwivyo bishobora kugira ingaruka kwirima ry’agatasi ryimirije.Uburongozi bw’uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Mwaro buremeza ko hari zimwe mu mbuto zikenye Yamara bukabahumuriza ko hari zimwe mu mbuto zigiye gutangwa bugahamagarira abanyagihugu kwama bitwararika gkurondera imbuto hakiri kare.

Bumwe mu bukene bw’imbuto buvurwa ko bukenye na bamwe muri abo banyagihugu bo muri komine Bisoro y’intara ya Mwaro, n’imbuto zirobanuye z’ibiraya cokimwe n’imbuto z’ibigori.

Aha abarimyi bakavuga ko aho bamaze kwumva hari izo mbuto ari kure muzindi ntara nko muri komine Matana kandi naho hakaba ari kure kuko kugira bashikeyo bibasaba uburyo kandi naho nyene bemeza ko izo mbuto zizimvye,kuko hafi muri muri komine ya Mugamba naho nyene ataziriho kandi ariho baja kuzigura mu myaka iheze.

Aha bakavuga ko uretse ubwo bukene bw’imbuto zirobanuye n’uko n’imbuto zisanzwe bigoye kuzironka kuko mw’irima riheruka umwimbu w ‘ibiraya utagenze neza ahanini bivuye kwihindagurika ry’ibihe.

Abo barimyi basaba Reta ko yobaronsa izo mbuto kandi kugihe.

” Twe tubona ko Reta yoturonsa izo mbuto na cane cane ikatwubakira amahangari yokubikamwo umwimbu,nk’ubu jewe mfise ahantu hatari hato arimye n’ubu ntabona uko nzoheza nkahatera.Umugambi mfise n’uwo kurwiza imbuto igihe nobaye nimbuye “, nk’uko bishikirizwa na W.P.

Ubuyobozi bw’uburimyi mu ntara ya Mwaro burahumuriza abarimyi ko hari zimwe mu mbuto zigiye kuronswa abarimyi ariko bukemeza hari zimwe mu mbuto zirobanuye zikenye na cane cane ibigori n’ibiraya aha agasaba abarimyi kwitwararika kurondera hakiri kare .Umuyobozi w’uburimyi mu ntara ya Mwaro Libére Nzokirantevye agashima ko muri kino abarimyi bahejeje gusiza akavuga ko utugorane twose tugiye gutorerwa umuti .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687