homepagekirundi

Yvan muziki yoba yafatanywe ibiyovyabwenge canke yafashwe kumvo z’amatohoza?

Haracarimwo igipfungu cinshi mu nkuru y’ifatwa rya Yvan Muziki mu gihugu ca Uganda, kuko hataratomoka neza ngo hamenyekane ibiyovyabwenge yafatanywe uko bingana.

Ikiyovyabwenge co mu bwoko bwa Heroine kingana n’ibiro 16 n’igice, nico giheruka gufatirwa ku kibuga c’indege ca Entebbe mu gihugu c’Ubugande. Ico kiyovyabwenge kikaba cari kinyegeje mu bikoresho bitandukanye birimwo amasakoshi, ibirato co kimwe n’ubudede nkuko tubikesha ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.

Ayo makuru dukesha ivyo binyamakuru akabandanya avuga ko abantu 7 aribo bafatanywe ico kiyovyabwenge, muribo hakaba harimwo umurundi afise impapuro z’inzira z’igihugu c’Ububirigi.

Uwo murundi hahavuye hamenyekana ko ari Ndikumana Yvan benshi bazi nka Yvan Muziki, uyo akaba asanzwe aba mu gihugu c’Ububiligi aho asanzwe afise n’umuryango. Ntiturabasha kumenya nimba uwo murundi yarafisemwo ibingana gute? canke yoba yabeshewe, agafatwa mu ntumbero z’amatohoza.

Naho tutabashije kumenya neza umusi babafatiye, ibinyamakuru bitandukanye twabonye vyanditse iyo nkuru muri ico gihugu, vyayanditse hagati y’igenekerezo rya 14 na 15 rusama, bigashoboka ko hoba hari muri iyo misi nyene.

Tukaba tutarabasha kumenya ibihano amategeko ateganya mu gihe umuntu yagiriwe n’icaha c’ukudandaza ibiyovyabwenge muri ico gihugu.

Amakuru dukesha ivyo binyamakuru nyene akavuga ko igipolisi kiraba uruja n’uruza kuri ico kibuga c’indege, cabafashe cisunze amakuru cahawe ko hari ibikoresho bishobora kuba binyegejwemwo ibiyayuramutwe bigiye kwinjira muri ico gihugu biciye kuri ico kibuga c’indege.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755