homepagekirundisecurityWestern Sydney Films Festival

Batatu muri munani barafashwe n’abajejwe umutekano

 

Igiporisi c’Uburundi caraye cerekanye abantu batatu bagirizwa ko bari mu murwi w’abantu umunani bitwaje ibigwanisho bategeyebwongera basahura urukombamazi umupfasoni azwi kw’izina rya Mélanie Nduhiye akomoka muri komine Gisuru intara ya Ruyigi agiye mw’isoko mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 4 Ruheshi umwaka w’2019, igiporisi c’Uburundi carerekanye abantu batatu bagirizwa ko bari mu murwi w’abantu umunani bategeye bongera banyaga urukombamazi umupfasoni  Mélanie Nduhiye wo muri komine Gisuru mu ntara ya Ruyigi agiye mw’isoko mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.

Nk’uko vyaraye bishikirijwe na Moïse Nkurunziza asanzwe ari icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, abo bantu batatu bafashwe banzwi kumazina ya Jackson  Pfagutunga, Jackson  Nasoro hamwe na  Ntirampeba. Abandi batatu muri abo munani ngo baciye bitaba Imana mu gihe bariko barashamirana n’abajejwe umutekano, abo nabo akaba ari Vénant  Nyandwi, Manasse Ndayishimiye hamwe na Gérard Niyonzima.

Icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza abandanya amenyesha ko amashilingi y’amatanzaniya angana ibihumbi amajana abiri na bitandatu (206,000Tsh) ariyo yibwe uwo mupfasoni, aboneraho gusubira kugabisha uwo wese afata ikigwanisho ashaka guhungabanya umutekano ko mu gihe azofatwa azohanwa bimwe vy’akarorero.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755