homepagekirundisecuritysociete

Inama nkuru y’abepisikopi Katorika ngo irarajwe ishinga n’ingwara ya Malariya hamwe n’ubusuma vyimonogoje muri iyi misi

Inama y’abepisikopi Katorika  mu Burundi ngo irarajwe ishinga n’ingwara ya Malariya yasubiriye kwibonekeza mu ntara zitandukanye z’Uburundi.

Musenyeri Yohakimu Ntahondereye arongoye inama y’abepisikopi b’Uburundi avuga ko hambavu y’iyo ngwara ya Malariya yasubiye kwimonogoza muri ibi bihe, ngo bararajwe ishinga kandi n’ubusuma bwibonekeza, harimwo n’ubw’abakoresha ibirwanisho bicira uuriro.

Musenyeri Ntahondereye yavuze ati : “Abepisikopi barahagaritswe imitima n’ukwumva ko ingwara ya Malariya yasubiriye kuba ndanse mu mihingo myinshi y’igihugu. Barababazwa kandi n’ukwumva ko n’ahatari hake, hari n’ayandi mabi aguma yibonekeza, nk’ubusuma butandukanye burimwo mbere n’ubugirwa n’abitwaje ibirwanisho bicira umuriro, buheza bugahitana ubuzima bw’abantu, nk’ubushingiye ku gutwarana uburozi, n’urudandazwa rw’abigeme ruvugwa mu turere tumwe tumwe tw’igihugu.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756