Burundihomepagekirundipersonal developmentUrwevuyouth

#Urwevu Youth| Ndacari muto ni bwo butindi!

isanamu ngereranyo y’umutekamutwe.

Ugasanga rero hariho imiyabaga, iheza igahendwa cane n’ubuto, igaheza igahava yibaza ngo bizohora uko. Abo ni bamwe bama bivugira ngo ndacari muto, ivya kazoza ukamengo ntibibaraba. Abo ni bamwe, abagize ngo barabahanura bati yereka tegura kazoza , baheza bakabaraba irarirari, ngo tera iyo sema.

Abahinga bamenyesha ko, kugira umenye uko igorofa izoba ireha canke n’ubukomezi izoba ifise, ushobora kubibonera k’umushinge. Uburebure ( profondeur) hamwe n’ubukomezi bushizwe mu mushinge burafitaniye isano n’uburebure bw’igorofa hamwe n’inkomezi zayo.

Iki gihe rero, umenye ko, ivyo ugira vyose, uriko urubaka umushinge w’igorofa uzoba mu myaka izoza, igihe ubuto butanguye gutuma nk’ifu y’imijiira. Nico gituma ukwiye kwama umwanya wibaza, uti ibi ndiko ndagira , bizonshikana hehe mu myaka cumi? Nimba usoma amacupa 10 y’ibiyeri ku ndwi, n’ukuvuga 40 ku kwezi, mu mwaka 360 mwaka…., wumva none mu myaka cumi, igorofa uzoba warubatse muri ico gitigu n’ubwo bwonko bwawe izoba ihagaze gute?

Ikigoye si uno musi, ucambara munekeri ngo ni style. Ikigoye ni igihe uzoba ufise imyaka 45.  wibuke ko muri wewe nyene ugendana n’abantu benshi bazeye kuzokuvako. Abana bakuri munda bategereye kuzokuvukako, umupfasoni canke umushingantahe Imana yaremwye ngo muzobane, Igihugu cakwibarutse gikeneye indongozi z’imboneza . None nimba imbuto uriko uratera uno musi ari, akamogi, agatabi, akayoga n’ibindi tutavuze bidahuye n’imico yacu uca wibaza ngo uzoheza ube ugeze hehe mu myaka izoza. Wirindi kwibwira ngo uzobihindura ni wakura. None aho ga wiyita umwana? Namba! Nimba ugeze aho wokwibaruka umwana, urakuze nyabuna! Kandi umenye ko utwo wigira , inyambaro inyifato , abantu burya barakwihweza…

Urwaruka, reke gukina, muta umwanya, mwishinga ibiguruka. Koresha izo nguvu mufise ubu, musome ibitabo, mwungure ubumenyi, mugire vision muri kazoza , mwihe ihangiro, mubone isanamu y’ivyo muzoba muri mu myaka cumi. Ntimwibaze ngo muzohorana izo nkomezi, kandi mumenye nurya société irihweza, ivyo uriko wigira ubu bizogukwirikirana ubuzima bwawe bwose.

ABanhinga bakumenyesha ko wofata ingingo y’ugusoma igitabo kijanye n’ubuhinga bw’ukudandaza amasaha abiri buri muri, mu myaka icumi woba uri umu expert. Ubu nimba ufise imyaka 25 ukaba uriko uriga kuzoba mwarimu, none wobura ayo masaha abiri y’ukuza uriga ibintu bizotuma, ah’uguheza uja kwigisha hariha ruguru woca nyabuna urondera kwikorera utwawe?

Harura umwanya umara kuri facebook, na whatsapp, urasanga ahanini uriko uratakaza umwanya munini.

Nayo nimba wumva woguma wivugira ngo ndacari muto. Ubwo si ubuto:

….nibwo butindi!

Abasokuru baravyihweje baca bayamara bati “ Ndacari muto ni bwo butindi”!

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764