homepagekirundi

Agnès Bangiricenge : Abafise akangonongono bokwitura sentare mu kiringo kitarenze imisi 15

                                                Agnès Bangiricenge, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa

Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa Agnes Bangiricenge amenyesha ko imvo nyamukuru yatumye Sentare ifata ibintu vy’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi ko ari ntumbero yo kutabandanya bikoreshwa mu guhungabanya umutekano w’igihugu n’abanyagihugu.

Hambavu y’ivyo, mu gihe abo bantu bazokwagirwa n’icaha, ivyo bintu vyabo bizohezwa bikoreshwe mu kuriha indishi y’akababaro ku bantu bazoba barakozweko n’ingorane zizoba zatewe n’ivyo bintu canke n’abo bantu.

Ivyo akaba yabishikirije mu kiganiro c’abavugizi b’inzego zitandukanye za Reta cariko kirabera ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 21 Ruheshi umwaka w’2019.

Nayo aboba bafise akangonongono kuri iyo ngingo sentare yafashe yo gufata ivyo bintu bigizwe canecane n’amazu, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa Agnes Bangiricenge amenyesha ko bafise imisi igera kuri icumi n’itanu kugira ngo bashobore kwitwara muri sentare.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755