homepagekirundi

Icivugo co ku ntwaro ya cami : “Imana, Umwami, Uburundi” coba casubiriye icahahora?

               Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Ku kibazo cokumenya nimba icivugo “Ubumwe, Ibikorwa, Amajambere” ko coba casubiriwe n’icivugo co ku ntwaro ya cami,  umuvugizi wa Reta y’Uburundi mu kiganiro c’abavugizi b’inzego co kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 21 Ruheshi umwaka w’2019 ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga yamenyesheje ko gushika ubu Reta y’Uburundi igendera ku civugo ca Repubilika y’Uburundi arico “Ubumwe, Ibikorwa, Amajambere”.

Yishimikije ingingo ya 11 y’ibwirizwa nshingiro rya Repubilika y’Uburundi, umuvugizi wa Reta y’Uburundi Prosper Ntahorwamiye amenyesha ko iyo ngingo itomoye neza aho imenyesha ko icivugo c’intwaro ya Repubilika ari “Ubumwe, Ibikorwa, Amajambere”.  Guhika ubu rero, ico civugo ngo nico gikoreshwa.

Mwomenya ko ku ntwaro ya cami ariho hari icivugo “Imana, Umwami, Uburundi”, ico civugo kikaba cahavuye gihindurwa ku ntwaro yari uy’umugambwe umwe Uprona.

Yamara naho biri uko, ingingo ya 4 y’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi ivuga ko mu gihe abarundi babishatse gusubira mu ntwaro ya cami, bashobora kubicisha mu matora hama bakaraba ikiyavamwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755