BurundiEducationhomepagekirundiLaurette TETEROpersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

#Urwevu| Amayira menshi yananiye imfyisi! Ku nzira ija ku masonga ntibakebaguzwa

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Ubu nta nkeka ko wamaze guhitamwo ico uzoba uri mu myaka iri hagati ya 5 na 7. Nta nkeka ko umaze kwama ufata iminota 30 ku musi ugerageza kubona isanamu y’ico uzoba uri, amafaranga uzoba ufise, ibiro uzoba ufise, uko uzoba wambara, imodoka uzoba ugenderamwo, uwo muzoba mubana uko azoba ameze , hamwe n’ibindi vyose.

Mu kiringo rero woba ugeze aho nyene, aho umaze kugira akamenyero k’ukwama buri musi wiyumvira iyo sanamu, aho rero nkuko abahinga babivuga n’ukuvuga ko uri ku nzira nziza ijana ku masonga. N’ukuvuga igisigaye gusa nuko Subconscient yawe ivyakira maze imaze kunyurwa uce uheza usange uriko urabigenderamwo utabizi. Uzoheza usange ibintu vyose uriko uracamwo uravye neza biriko birakujana kuri iyo sanamu nyene.

Uko rero abanhinga baguhanura, ugasanga waramaze gufata iyo nzira, wirinde gukebaguzwa, ureke kuba njana n’abaja. Ntukabe nka babandi usanga uhura n’umuntu akakubwira bino, maze ugaca ureka ivyo warimwo ukagira ngo uramukwirikiye. Subconcient yawe nk’uko abahinga babivuga ikineye ko uyereka ikintu kimwe maze ugaheza  ukaguma aho nyene, nayo iraheza ikagufasha ikakwereka amabanga menshi ari muri ico kintu kimwe nyene.

Ku nzira ija ku masonga ntibakebaguzwa. Ukaba naho utarafata ingingo y’ugufata iyo nzira, ngo ubigire uko abahinga babiguhanuye, ni ukuvuga ko wahisemwo ukwibera muri buno buzima nk’umuntu ayebayeba. Ejo uzoheza ube umukinagizwa w’aba bagenda bazi iyo baja. Uzokwama wandika amakete ngo baguhe akazi kugira urabe ko woronka uburyo bw’ukugura akunyu( le mot salaire a pour origine : salt-money) maze n’ukugira ukaronke ubikeshe rugira!

CE URWEVU! UKABURA KURONDERA KURUHA MU GITONDO NGO UZE URUHUKE KU MUGOROBA, UZORUHIRA KURUHA IGITONDO N’UMUGOROBA!

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765