homepagekirundi_Sports

Olivier Niyungeko ati ” Urukino rwa Madagascar ni Final Kuri twebwe


Umumenyereza w’Intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko ngo igiti nticomukora mu jisho kabiri.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru b’insamirizi BBC kuri uyu wa mbere kw’ igenekerezo rya 24 Ruheshi umwaka wa 2019 , Umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier yasiguriye abamenyeshamakuru akamaro k’urukino rwo Kw’ igenekerezo rya 27 Ruheshi ruzohuza Intamba mu rugamba hamwe na Madagascar akamenyesha ko ruzoba ari final kuribo, kuko u Burundi bugatsindwa buzoca busezererwa muri ayo mahiganwa.

Alain Olivier Niyungeko ati ” urukino rwo ku musi wa kane ni final ya kabiri kuri twebwe kuko tutarutsinze bizoba biheze ku Burundi “.

Arongera ari :”Final ya mbere yari iya Nigeria kuko abantu bose bavuga ko uwo mugwi uza kuduhamba ariko kugira idutsinze vyaragoranye turwana nkabagabo “.

Kuva u Burundi bwikukira nta mumenyereza n’umwe w’umurundi canke w’umunyamahanga yari bwashikane abarundi mu mahiganwa ya CAN Olivier akaba abaye uwambere aronse ayo mahirwe.
Intamba mu rugamba zitsinze urukino rwo ku musi wa kane zigasubira zigakina urukino rwanyuma rwa Guinea burashobora kuronka amahirwe yo gukina igice 1/4 gishira icanyuma c’iryo higanwa rya CAN 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822