homepagekirundi

Ngo abahabwa ama concert ntibahinduka

Nk’uko amaze imisi yerekana agashavu kiwe amaze kuba umuririmvyi afata ikibanza hano iwacu mukuronka ibiganiro vyinshi (interview), ni Mr Champagne yemeza ko abaronka ibiteramo hano mu Burundi bama ari babandi batigera bahinduka n’umusi wa rimwe.

Aho agasemerera agira ati : “ubu umuziki wacu ni mwiza uri ku rwego mpuzamakungu, ariko hariho abantu n’ubwo bokora Hit Song igakundwa kuburyo mw’isengero na Pasitori ayitamba batokwigera bahabwa igiteramo na rimwe kandi indirimbo yakunzwe kurugero rushimishije.

Mukibuka ko mu mwaka uheze yigeze no kuvuga ngo: “nubwo nokorana indirimbo n’umuhisi Michael Jackson clip Video tukayikorera mubicu aba video vixen bakaba abamarayika nta show nohabwa”.

Ivyo abivuze mu gihe yemeza ko ari mubaririmvyi bambere hano mu Burundi bakora video zisa neza kandi batajabutse igihugu akagirako yemeza ko ariwe afata ikibanza ca mbere mu gukoresha imiduga izimvye cane mu masanamu yiwe (Video).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755