homepagekirundisecuritysociete

Imiryango 38 yakiriwe ihungutse

 

Mu gatondo ko kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 16 Mukakaro umwaka w’2019 ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu kibanyi ca Tanzaniya neza na neza ahitwa i Mugina mu ntara ya Makamba niho abantu bagera kw’ijana na mirongo itatu na batatu bakirwa bahungutse bavuye mu nkambi z’impunzi za Nduta na Mtendeli mu gihugu ca Tanzaniya .

Nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano kugwanya no gukinga ibiza abo bahungutse bagizwe n’imiryango 38 irimwo abagabo 70 hamwe n’abagore 63 muribo 81 bavuye mu nkambi ya Nduta abandi 52 nabo bava mu nkambi y’impunzi ya Mtendeli.

Muri abo bantu bakiriwe bahungutse, ijana na cumi muribo ngo bakomoka mu natara ya Makamba nayo abandi mirongo ibiri na batatu bakava mu ntara ya Rutana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756