BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Kigingi yavuze kw’ivoka

Naho bigoye kwemera bivuye kuri Kigingi muri bino bihe, ngo ivoka yoba ariyo ntandaro y’ugusa neza kwiwe.

Mu gihe yaganira yatanga ikiganiro kuri imwe mu mboneshakure za hano iwacu, Kigingi yavuze ibanga rimutera gusa neza n’ukuvyibuha.

Uwo mutware w’igikorwa Kigingi Summer Comedy buca gitangura kuri 19/7 ku Gasaka I Ngozi, yavuze ko ikimutera kudoha atari ikindi ngo n’ivoka gusa.

Ico kiribwa gikunze kumera mu ntara cimeza ya Kirimiro ngo agifungura akijanishije n’ibiharage n’umuceri.

Ivyo biribwa bikunze kwitwa barundi twese navyo akaba abifungura 2 Ku musi, Ku muhingamo, 12:00, hamwe no mw’ijoro. Ariko rimwe na rimwe ngo iyo aronse uwumugurira akanyama, aba ayicitse.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe iyo himirije ico giteramo ciwe hakunze kuboneka ibintu vyinshi avuga bisa n’ivyerekeza mu gutwenza abantu. Aho twovuga nk’indimi zitumvikana yavuze mu mwaka uheze, aho yari mu gihugu ca Ethiopie co kimwe naho yari mw’ihayanishwa ryabereye ku kibuga ca Tempete muri uwo mwaka nyene, mu ntumbero yo kumenyekanisha iryo higanwa.

Bikaba bikigoye kwemera rero ko ico kiribwa c’ivoka kinitiranwa n’igihingurwa ca Blue Band gikorerwa muri kenya, arico coba ari inyanduruko y’ukuvyibuha kwiwe.

“Ya Blue band, ya Blue band, ya Blue band, ya Blue band.” Icivugo gikoreshwa n’abatari bake batembereza kandi bagurisha ico kiribwa mu gisagara ca Bujumbura

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775