homepagekirundi

Uru nirwo Sentare ya Gitega yaraye ibaciriye

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 16 Mukakaro umwaka w’2019, Sentare nkuru y’i Gitega yaraciriye umunyororo wo guherayo abantu bane bagiriwe n’icaha co kugandagura bunyamaswa abantu batatu aribo : umushingantahe Mugohore Ndereya, umupfasoni wiwe Maragarita hamwe n’ikibondo cabo Mechack.

Nk’uko bishikirizwa na Agnès Bangiricenge avugira sentare ntahinyuzwa, abo bantu bane bagirizwa ico caha ni Ngenzahayo Yudita n’umugabo wiwe Nyandwi Rafaheri hamwe na Ntiharirizwa Meraniya  n’umugabo wiwe Ngendakumana Justin.

Abo bagore bompi uko ari babiri bakaba bari abakobwa b’uwo muhisi yagandaguwe Ndereya Mugohore.

Mwomenya ko ico caha co kugandagura abo bantu cari cakozwe kuwa 2 Mukakaro uwu mwaka gikorerwa ku mutumba wa Butare muri Komine Itaba mu ntara ya Gitega.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755