homepagekirundi

Sudani : Inama nkuru ya gisirikare yateye umukono ku masezerano yo gusangira ubutegetsi n’abatavuga rumwe nayo

Inama nkuru ya gisirikare muri Sudani yateye umukono ku masezerano yo gusangira ubutegetsi hamwe n’abatavuga rumwe nayo bagizwe n’abateguye imyiyerekano basaba ko ubutegetsi buva mu maboko y’abasirikare bugahabwa abanyagihugu.

Amakuru dukura ku nsamirizi y’abongereza BBC amenyesha ko icegera c’uwutwara inama nkuru ya gisirikare, Jenerare Mohamed Hamdan Dagalo avuga ko ico gikorwa cashitsweko hagati y’izo nzego zibiri ari ngirakamaro kandi vyerekana ko Sudani ikoze amateka meza kuva yakabaho.

Bimwe biri muri ayo masezerano yateweko umukono ni nk’ibijanye n’ikiringo igisirikare kizomara k’ubutegetsi imbere y’uko buhabwa abanyagihugu aho bitegekanywa ko igisirikare kizomara amezi 21 ya mbere atangura inyuma y’aho ubutegetsi bubone guhabwa abanyagihugu nabo batware amezi 18 mu nyuma baheze batunganye amatora.

Ayandi masezerano ajanye n’ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu ca Sudani yitezwe ko ku musi wa gatanu igenekerezo rya 19 Mukakaro 2019 ariho azoterwako umukono.

Twobibutsa ko Perezida Omar Al Bashir yakuwe k’ubutegetsi n’igisirikare mu kwezi kwa Ndamukiza uwu mwaka w’2019 akaba yari amaze ku butegetsi ikiringo kingana n’imyaka mirongo itatu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755