Burundihomepagekirundipersonal developmentUrwevuyouth

#Urwevu| Nta kuntu na kumwe kundi woshika ku masonga utabanje kugira bino.

isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Muri Restaurant y’ubuzima bariha imbere y’ugufungura. Hariho igiciro utegerezwa kuriha kugira ushike ku masonga. Aha ku masonga mwotahura, gushika ku rugero rw’imboneza.( Leader) aho uzoshika ejo ugashobora guhagaarara imbere y’abandi ukabiganira mbese ukabafata ukuboko ukabashikana ku masonga.

Muri Restaurant y’Ubuzima usabwe kuriha ibintu bitatu

kumenya ico wifuza gushikako

kumenya uko ushobora kugishikako

Ukwiha discipline y’ugukora ivyo utegerezwa gukora kugira uhashike, ukiyemeza kubikora waba wumva ushaka canke udashaka.

None urazi ico wifuza koko?

Ikibabaje rero kitogutangaza, n’uko abahinga bamenyesha ko , abantu barenga ibice 90% batazi ico bifuza mu buzima. Ni abantu bake rero ngo bashoboye kubazwa bati ushaka gushika guki mu buzima ngo baheze bishure batadidinganya. Benshi turifuza ko twogira amafaranga, muga umufatiyeho uti wifuza amafaranga angahe, ntaheza ngo amenye ico yishure, kenshi uza ubona aciye arangamira hinge ngo ” Hinge niyumvire”

None hoho nimba unakizi urategekanya uko uzogishikako?

Aha rero ahandi bikunda kutugorera nk’uko abahinga babivuga n’uko tutigera tuba dufise Plan y’ivyo twifuza. Aha noguhanura ko wosoma ibitabo vyose bishoboka nk’icitwa ” The 7 habits of Highly Effective People” canditswe na Steven R. Corvey maze kizoheza kikwereke uko utunganya ubuzima, ukabaho ufise ama principes ugenderako, ukareka kujana nyabahururu , wicarwako n’uwurenga wese nk’akarago ko ku nzira.

Urumva witeguye kugira discipline y’uguheza ugashika ku Masonga?

Aha noguhanura kugenda gu telechargea igitabo citwa ” The Power of Self discipline. No Excuses!” canditswe n’uwitwa Brian Tracy azoheza akwereke uko atakintu na kimwe utoshobora gushikako uramutse ugize discipline y’ugukora ibisabwa vyose kugira ubishikeko. Azoheza abonereho kukubwira ko ata excuses( uwo binaniye agira ngo ibirago biranyerera” ufise y’ukwitwaza. Ico ubona cose cokubera inzitizi, gifate rero nka objectif ubanze ukure inzitizi mu nzira. Ico gitabo ushobora kugisanga en ligne kuri gusa. Fata u gitelecharge, kiriho no kuri play store ya Telephone.

Nayo ugahava umbarira ngo nta congereza uzi, ico citwazo ntigifashe. nimba utakizi none ntiworondera kuciga, wewe ntubona ko twinjiye muri East African Community? Mu misi uwuzoba avuga ururimi rumwe gusa azoba asa nk’uwutize. Ihe amasaha abiri ku musi wige icongereza canke ico kintu cose wita inzitizi.

CE URWEVU, NTA MWANYA W’UGUTA

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764