Entertainmenthomepagekirundivideos

Mkombozi : Ni kuki tudataha iwacu kandi ari hafi tuzi n’inzira

“Uwu mwaka” ni imwe mu ndirimbo ya Nzeyimana Thomas azwi kw’izina rya Mkombozi yashize ahabona mu mwaka wa 2019, iyo ndirimbo biboneka ko ifise ubutumwa burashe bugomba gushusha n’uburi mu ndirimbo “2015 ntushike” yari yakoranye na Small Dog le Pygme mu mwaka wa 2014.


Izo ndirimbo zompi biboneka ko womengo zirimwo ubuhanuzi bw’ibizoba muri kazoza ka hafi.
Iryavuzwe mu ndirimbo ”2015 ntushike” yo mu mwaka wa 2014 ntibwakeye kabiri wamengo n’ireresi yanditswe iriko irakinwa.
Mu ndirimbo yise “Uwu mwaka !”, yashimye kuduha umuco ku kajambo Igituma tudataha iwacu kandi ari hafi tuzi inzira.”
Arongejeko indahiro kigabo agira ati: Uwu mwaka!; uwu mwaka! Eheeeeeh! Muzombwiraa!
Agasigura atavunitse agira ati : “inyishu iri muri twebwe, kurya ikibazo kiri muri twebwe, n’inyishu ni twe yega.”

Mkombozi abandanya agira ati : “Uwu mwaka turabona ko iwacu ari hafi dusubire guhoberana n’abacu twatandukanye tudashaka.”
Mu gusozera akagira ati : “Uwu n’umwaka w’isayangana, n’ihungabana ry’ibendera ry’igihugu cacu mu makungu, eka n’umwaka w’amahoro n’ivyishimo ku barundi bose ndetse n’incuti z’Uburundi, Imana niyo Ngaho kanatsinda ntihemuka.”
Akanarangiza atanga ubutumwa ku bakunzi biwe abamenyesha ko ari mu bikorwa vyinshi kandi yiteguye ku bashimisha.

https://youtu.be/r3USJWOt67w

What's your reaction?

Related Posts

1 of 770