BurundihomepagekirundisecurityWestern Sydney Films Festival

Uruganda rwo gusigura ingene ivyaha bikorwa mu mabarabara bihanwa

Kuri uno wa kane waraye uheze igenekerezo rya 20 Kigarama umwaka w’2018, igipolisi kijejwe kuraba umutekano wo mu mabarabara cari caramutse cugurura icese uruganda rwo gusigurira amashirahamwe asanzwe yunguruza abantu n’ibintu ibwirizwa nshikiranganji ryo kuwa 12 Munyonyo umwaka w’2018 ryerekana ingene umuntu yakoze amakosa yo mw’ibarabara ahanwa.

Komanda wa PSR OPC1 Loger Bankibirwira yuguruye urwo ruganda yamenyesheje ko iryo bwirizwa ritomoye na canecane mu bijanye n’ingene umuntu yakwa uruhusha rwo gutwara ingendeshwa mu gihe aba yaciye kubiri n’amategeko agenga ibarabara.

Nayo ku bibazo bijanye n’amajejwe umutekano bamwe bamwe bata amashoferi mu mkosa atayo bakoze kugira ngo baronke ukuntu babakuramwo udufaranga, Komanda Bankibirwira arahumuriza mu kumenyesha ko amategeko atawe ataraba ko mu gihe nabo bazoba bayahonyanze bazohanwa vy’akarorero.

Nayo kubasanzwe bunguruza abantu n’ibintu, Komanda Bankibirwira yabibukije ko mu gihe baba bunguruje abantu bakwiye kubatwara nk’uko ari abantu koko bakirinda kugenda mu muvuduko urenze mu ntumbero y’ukwirinda amasanganya.

Eka n’abatwara ingendeshwa banyoye inzoga, Komanda Bankibirwira ntiyabasize inyuma aho yabagabishije ko baramutswe bafashwe bazohanwa gusumba abakoze amakosa asanzwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764