Entertainmenthomepagekirundi

Kidumu ati : ”Reka ndabisubiremwo uracâvūra, Natasha tumwigireko”.

Kidumu ati : “navuze ko umuziki w’Uburundi ucāvûra  mu kirundi gifobetse ariko bamwe bamwe bariko barabitahura ubu bivanye n’ivyo bariko barabona bacamwo.

Amajambo Kwiyamiriza hamwe N’uguheba  niyo Kidumu yashimiye umuririmvyikazi Natasha kubona afata ingingo akanayikwirikiza ngo ejo bazogaruka aronke umusaruro ukwiye kurusha ivyo yase. Arongera akanavuga ko bose bomwigirako akarorero uwomuririmvyikazi,yaravuze kumuziki w’uburundi ucavura abenshi  babitahura ukutariko ariko ngo ubu bariko barabitahura bivanye nivyo bariko baracamwo bitandukanye aho akaba arinyuma yaho habaye ihiganwa rya Primusic bakazana umuririmvyi Diamond platnumz bamuhaye amahera Kidumu yita kwarinamake kuriwe kuko azi heshi bamuhaye ayasumba ayo bamuhaye aha iwacu naho abeshi bavuga ngo nimeshi ucubona ko hakiri impinga ndende yabasazwe bategura ibiteramo kobadakunda abaririmvyi biwabo kuko batabaha agaciro nakazi kabo  vyerekana ko bagihanze amaso cane umuziki wohanze gusumba uwacu. ikindi nuko nabaririmvyi bacu ubwabo boza barihagararako bukebuke bikazoza .akaba aribimwe muvyo yaganiriye nabagenzi bacu bakorera imboneshakure BTV mukiganiro bakoranye.

Mwomenya kandi ko umuririmvyi kidumu avuga ko ururirimbo MBWIRA  bakoranye na MARINA ruzosohoka kuri uwu wagatandatu igenekerezo rya 03Myandagaro. Akaba kandi asazwe ariko arakora ibiteramo bitandukanye mugihugu c’Uburundi ibiteramo haba ivyamaze gukora n’ivyatarakora yagiye avyitirira indirimbo Telenovela kumusi wa mungu igenekerezo rya 04Myandagaro, akazoba ariko ateramisha abakunzi bumuziki kuri NYABUGETE Beach. Inyuma yaho akozobandanyiriza ibiteramo vyiwe mu ntara ya Gitega.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769