Entertainmenthomepagekirundi

Menya ibisabwa kugira uje mw’ihiganwa rya Miss canke Mister Burundi 2019

Ishiramwe Force Jeune ryatuganije amahiganwa kw’igenekerezo rya15 Myandagaro riramenyesha ibisabwa kugira ujemwiryo higana haba kubigeme canke abahungu.

BISABWA KUGIRA UBE MW’IHIGANWA RYA MISS canke MISTER SDN 2019
1) Kwiyandikisha ni ku buntu;
2) Kuba ufise uburebure bwa 1m 65 nimiburiburi;
3) Kuba ufise hagati y’imyaka 16 na 24;
4) Kuba udafise ivyo wicafyeko ku mubirir biboneka canke ngo ube waritoboye ku mubiri birengeje urugero;
5) Kuba utarubaka;
6) kuba utanywa  inzoga canke itabi;
7) Kuba utigeze kwifotoza ifoto zikwerekana igice c’ubwambure bwawe canke zerekana ubwambure bwawe bwose;
8) Itariki ya nyuma yo kwiyandikisha ikaba ari itariki 8/8/2019;
9) Uruhusha rw’abavyeyi canke ababaserukira rurakenewe igihe uwuhiganwa azoba afise musi y’imyaka 18,
Abazohiganwa canke ababaserukiye bategerezwa gutanga uruhusha rwo gutangaza amafoto yose azofatwa murico gikorwa;
10) Abazohiganwa bategerezwa guseruka mw’ihiganwa bambaye impuzu ndangakaranga(traditionnels) be n’impuzu zo gushaza mw’ijoro(tenue de soirée), n’ikirato gihagurutse.Ku bahungu, ni impuzu ndangakaranga be n’imyambaro yo gushaza mw’ijoro nabonyene.

Mwomenya ko muri  Miss 2019 abazoba mubibanza bitatu vya mbere bazoronka ubushimwe bukurikira:
Miss wa mbere( Miss 1ere dame) azoronka imashine ngendanwa(Inyabwonko) yo mu bwoko bwa Lenovo izotangwa na Force Jeune,Uwa kabiri ( 1ere dauphine) n’uwa gatatu(2eme dauphine) bazotsindira uduhamagazo (Téléphone) zizotangwa n’ishirahamwe  Techno cokimwe na bahungu bazotsindiraibibanza bitatu vyambere nabo bakazoroswa uduhamagazo.

Menya neza ico bazokwisunga mu kuzotanga amanota kuwuzoba MISS canke MISTER nuko azoba yerekanye umugambi  azokora mu guhimiriza urwaruka ngo rugwanye ibiyayuramutwe n’akandi kaboregwe

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769