BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Ibihugu birababaye kuba Kacaman Darcy yitavye Imana

N’ibindi bihugu vyahambije Uburundi mu kababaro kadasanzwe kuba umukinyi w’ibikino bitwenza Kacaman Darcy yitavye Imana.

Hampande y’abarundi babajwe cane n’urupfu rw’umwana muto, Darcy Iradukunda batazira kacaman darcy, yarasanzwe akina ibikino vy’ugutwenza, abanyarwanda batari bake barababajwe nabo n’urupfu rw’uwo mwana.

Uretse ibinyamakuru vyanditse kuri uwo mwana, ibihangange mu muziki nyarwanda navyo bimwe na bimwe vyasabiye uwo munwa yarasanzwe atwenza abantu kwakirwa mu bwami bw’ijuru. Muribo twovuga nka Nizzo Kaboss asanzwe abarizwa mu murwi wa Urban Boys.

 

S’abo gusa kuko n’aba Paparazzi b’abanyarwanda bari basanzwe bakurikiranira hafi ivy’ukwidagaduga mu Burundi nabo bavuze cane kuvy’urwo rupfu rwa Kacaman. Aho twovuga nk’uwusanzwe avugisha benshi mu Rwanda Thecatvevo250.

Darcy akaba yaramaze igihe akunzwe cane muri ico gihugu c’Urwanda, kuko ibikino vy’ugutwenza vyose yashira ahabona, wanasanga bisigaye bikunzwe cane muri ico gihugu, nkuko vyanaboneka ku mbuga ngurukanabumenyi aho babihererekana.

Nkuko bishikirizwa n’ikinyamakuru Umuseke.rw ibikino vyiwe vyakunzwe gusumba ibindi muri ico gihugu ni nk’ivyo bise, Nshaka Umugeni, Amabwiriza n’ubutunzi n’ubuzima. Nayo Darcy muri ico gihugu akaba yarakunzwe kitwa “Ni hatari kweri ” bafatiye ku kiganiro yari yigeze gukorana DJ Fanny biciye ku rubuga rwa Youtube rwiwe DjFanny257.

Mwomenya ko Darcy yitavye Imana ku musi w’ejo aho yazize ingwara ya Malaria igize igihe ihitana abatari bake. Darcy akaba yasandavye ari mu bitaro mu ntara ya Gitega, uwo akaba yinjiye mu gitigiri c’abandi banyabuhinga n’ubumenyi basandavye bazira ingwara muri ino myaka 2 iheze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775